Abacamanza b’Uburundi bahawe amanota 89 kw’ijana

Yanditswe na IGIHE
Kuya 4 Gitugutu 2016 saa 02:57
Yasomwe : 21375
0 0

Abacamanza b’Uburundi bahawe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amanota 89 kw’ijana kubera ingene bitwaye mu bihe Uburundi bwari mu ntureka za poritike.
Mu birori vy’ukwugurura umwaka mushasha w’ubutungane w’2016 ushira uw’2017 vyabereye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe kuri uwu wa kabiri, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko amahoro Uburundi bufise buyakesha ingene abacamanza bigenjeje muri ivyo bihe. Icivugo c’uwu mwaka kikaba kivuga giti : "Ikibanza c’ubutungane mu kubumbatira (...)

Abacamanza b’Uburundi bahawe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amanota 89 kw’ijana kubera ingene bitwaye mu bihe Uburundi bwari mu ntureka za poritike.

Mu birori vy’ukwugurura umwaka mushasha w’ubutungane w’2016 ushira uw’2017 vyabereye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe kuri uwu wa kabiri, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko amahoro Uburundi bufise buyakesha ingene abacamanza bigenjeje muri ivyo bihe. Icivugo c’uwu mwaka kikaba kivuga giti : "Ikibanza c’ubutungane mu kubumbatira amahoro."

Umushikiranganji w’ubutungane, Aimé-Laurentine KANYANA, yamenyesheje ko ubushikiranganji arongoye bwashize mu ngiro ingingo y’umukuru w’igihugu itanga ikigongwe kuri bamwe mu banyororo, aho akavuga abagera ku bihumbi bibiri barekuwe.


Kumenyekanisha

1
EGIDE 9-10-2016 à 18:10

BARAYAKWIYE

2
alia 7-10-2016 à 13:04

nkurunziza aragitejitete aho ashimira abaca ma manza bageze naho baca uru banza rwarangije igihe co kunguruza? birateye agahinda

3
Michel 5-10-2016 à 16:16

Excellence Mr. le Président, vous avez donné des points aux différentes institutions du pays et individus, c’est une bonne chose mais pouvez-vous établir des critères àl’avance qui sont connus de tout le monde? Il faut aussi que les concernés s’y engagent et celui qui n’y arrive pas constate qu’il n’a pas servi le pays àla hauteur des attentes et qu’il soit remplacé. Sinon ce que vous faites maintenant, j’ai peur que ca soit plutot sentimental et subjectif! 89% pour une magistrature qui ne sais pas rendre justice, c’est injuste pour ceux qui ont les leurs incarcérés depuis des mois sans jugement, même la Ministre a reconnu le refus de justice quand elle dit que des gens sont libérés 8 mois apres votre grâce!!!

4
alia 4-10-2016 à 22:21

uuuu ego kabisa gucira urwa pirato inzira karengane nico gituma bahawe ama nota ?mbega nkurunziza yatanze ayo manota wewe afise angahe? uko nu kwidiga diga hama ugatwe’ga

5
NDAVUGASIMVURA 4-10-2016 à 21:57

ahubwo iyo ubaha 101% ayoyo ni make !!!!1

6
willynshimirimana 4-10-2016 à 17:10

BAHE AYOMANOTA NYAKUBAHWA BARAYAKWIYE KUKO NTIBAHEMUKIYE IGIHUGU CACU NIBATERIMBERE NKUMUZINGA

7
Wakera 4-10-2016 à 15:50

Fuck them

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha