IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abahunze badakurikiranwa n’ubutungane basabiwe nabo ko bokwumvirizwa

Abahunze badakurikiranwa n’ubutungane basabiwe nabo ko bokwumvirizwa

jeudi 18 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe umukuru w’igihugu aheruka gushiraho umurwi ujejwe kwiga ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, umugambwe SAHWANYA FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye usaba uwo murwi ko utokorera gusa ku cegeranyo cashikirijwe n’umurwi CNDI ujejwe ibiganiro, aho muri ico cegeranyo bashikirije ko Abarundi benshi basavye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyokurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

"Uwo murwi ujejwe gushikiriza ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro wosubira ukabaza abarongoye imigambwe, abarongoye amadini, abarongoye amashirahamwe, abaserukira urwaruka, abakenyezi, abamenyeshamakuru, hamwe n’imirwi y’abagendana ubumuga, abagendana ingwara zidakira, kugira ibwirizwa shingiro rizojaho rizobe ari iryubahiriza imirwi yose.", uko niko Keffa NIBIZI, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye yabishikirije, agasaba ko n’abanyeporitike bahunze Uburundi bokwumvirizwa, ariko ku bwiwe abokwumvirizwa akaba ari abadakurikiranwa n’ubutungane.

JPEG - 91.4 ko
Keffa NIBIZI, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Iragi rya NDADAYE

"Mu barongoye imigambwe hari abahunze, ariko abanywanyi babo bari ngaha, tugasaba rero ko abaserukira iyo migambwe bari mu Burundi boshikiriza ivyiyumviro vy’imigambwe yabo. N’abakuru b’iyo migambwe bahunze boshikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije ku buhinga ngurukanabumenyi, ariko aboshikiriza ivyo vyiyumviro akaba ari abadakurikiranwa n’ubutungane."


NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.