Abadandaza barangurira ibidandazwa muri Tanzaniya bagiye kurihira mu Burundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 4 Munyonyo 2017 saa 02:00
Yasomwe : 19368
0 0

Dieudonné DUKUNDANE, umunyamabanga nshingwabikorwa w’umuhora wo hagati amenyesha ko ibiro biserukira ibivuko vyose vyo mu gihugu ca Tanzaniya vyuguruwe mu Burundi, mu ntumbero y’ukworohereza abadandaza b’Abarundi. N’abakeneye kuriha bazohora barihira ibidandazwa kuri konte yuguruwe mw’ibanki CRDB mu gihugu c’Uburundi.

Umunyamabanga nshingwabikorwa w’umuhora wo hagati (Corridor Central) avuga ko ivyo biro vyuguruwe kugira abarundi bahora bagira ingorane y’ukuja kurihira muri Tanzaniya bazorihire mu Burundi, kuri iyo konte iri mw’ibanki CRDB.

Dieudonné DUKUNDANE avuga ati : "Bashobora n’ukuriha mu mafaranga y’amarundi mu gihe amadorare canke amashiringi boba batayafise."

Ivyo bibaye inyuma y’inama yaheruka kubera mu Burundi, yaheze kuri uwu wa gatanu, yahuje ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika. Muri iyo nama, ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu bwamenyesheje ko ibivuko bitatu arivyo bitegekanwa kwubakwa mu mugambi uzofatwa mu mugongo na Banki y’isi yose yemeye kuzotanga amafaranga agera ku miriyoni amajana atandatu y’amadorare azokoreshwa n’amashirahamwe atatu ariyo ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, ishirahamwe rijejwe gutwara abantu n’ibintu hamwe n’uguteza imbere urudandazwa ku muhora wo hagati, hamwe n’ishirahamwe rijejwe guteza imbere ikiyaga Tanganyika.

Muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa kane mu gisagara ca Bujumbura, ihuza abaserukira ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika, kugira igihugu kimwe cose gishikirize imigambi yaco, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe gutwara abantu n’ibintu, Jean Bosco NTUNZWENIMANA yamenyesheje ko imigambi nyamukuru Uburundi bufise igizwe n’ugutegura inyubako zijanye cane cane n’uguhanahana ibidandazwa, nk’akarorero inyubako zijanye n’amabarabara, inyubako zijanye n’ibivuko, inyubako zijanye n’amabarabara y’indarayi, hamwe n’ibijanye n’ugutwara abantu mu kirere. Muri iyo migambi, Uburundi butegekanya kwubaka ibivuko bitatu mu ntara zitatu nyene zegereye ikiyaga Tanganyika.

Jean Bosco NTUNZWENIMANA yavuze ati : "Uburundi butegekanya kwubaka ikivuko ca Bujumbura, imigambi irahari, hamwe n’ugushiraho ibijanye n’ugukora ubwato (Chantier navale). Ivyigwa vyaraheze ku kivuko c’I Bujumbura n’ica mpurungu. N’ikivuko ca Rumonge kiri mu bizokwubakwa, ivyigwa bikaba biriko birakorwa. Ikindi kivuko twipfuza kwubaka ni ica Kabonga mu ntara ya Makamba, ivyigwa vyaramaze gutangura. Ivyo nivyo bitatu nyamukuru dufise mu Burundi, twipfuza kwubaka ku muhora w’ikiyaga Tanganyika"

JPEG - 32.5 ko
Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha