Abakinyi b’Umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza bahawe imyimenyerezo ya gisirikare

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 juin 2017 saa 01:26
Yasomwe : 10791
0 0

Mu ntumbero yo kwitegurira urukino ruzohuza umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza n’uwo igihugu ca Ecosse barondera uburenganzira bwo kuja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi kizobera mu gihugu c’Uburusiya mu mwaka wa 2018, abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza bahawe imyimenyerezo ya gisirikare.

Iyo myimenyerezo y’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza "Three Lions" yabereye mw’ikambi y’abasirikare barwanira mu mazi, aho basabwa gukora ibikorwa bikomeye harimwo kwiruka bafise imizigo ipima ibiro 21.

Umumenyereza Gareth Southgate, yateguye iyi myimenyerezo mw’ibanga, ikaba yabereye i Devon mu bumanuko bushira Uburengero bw’Ubwongereza, nawe yibijwe mu mazi hamwe n’abakinyi bari batswe amaterefone ngendanwa.

Umumenyereza Gareth Southgate yamenyesheje ko iyo myimenyerezo ari uburyo bwo gufasha abakinyi gutahura agaciro ko guserukira umwamikazi n’igihugu bakagihesha iteka.

Bitegekanijwe ko abo bakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza bahurira mu myimenyerezo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruheshi 2017 ku kibuga ca St George’s Park.


Kumenyekanisha

1
NDU EMMNUEL 10-06-2017 à 21:05

NDUMVA BAFIS AKAZI IMYIMENYEREZO YAGISIRIKAR NUMUPIRA BIRAJANY AHA BAKENEY UWUHARWA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha