Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakora isuku mu gisagara ca Bujumbura basaba kuronswa imishahara (...)
Abakora isuku mu gisagara ca Bujumbura basaba kuronswa imishahara yabo
vendredi 25 Myandagaro 2017, par
Nk’uko bivugwa n’abo bakora isuku, uwubaserukira mw’ishirahamwe ryabo, ariwe Chantal NIKIZA niwe yatoye ayo mafaranga ku bubiko bw’iryo shirahamwe buri muri banki, ariko bakaba batashoboye kuyaronswa nk’uko vyahora bikorwa.
Abo bakora isuku babandanya bavuga ko kuva ku munsi wa mbere w’iyi ndwi bagumye basaba iyo mishahara yabo, ariko ababaserukira mw’ishirahamwe bakaguma bababwira ko bataraja kuyabikuza muri Banki.
Basaba ko boronswa imishahara yabo kugira bitegurire kugurira ibikoresho vy’ishure abana babo buca batangura amashure.
Chantal NIKIZA aserukira ishirahamwe ry’abo bakora isuku mu gisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ataraja kubikuza ayo mafaranga kuri konte, abasaba ko botenyenya gushika ku munsi wa gatatu w’indwi iza, akabizeza ko uwo munsi utazohera bataronkejwe imishahara yabo.
Vianney BIKORIMANA
Messages
25 Myandagaro 2017, 10:05, par nephtalie
Ico mbona umukozi aberwa n’impembo mairie ya bujumbura nikwirikirane uwo chantal nikiza ntivyumvikana uburyo yotevya guhemba abajejwe guserukira amezi atatu n’imenshi none ubwo yaribajije ukuntu imiryango yabo ibayeho?Mairie yoshira ku ma comptes yabo bakozihanyuma kugira agahembo k’abo bakozi gakingirwe.
25 Myandagaro 2017, 11:53, par Cobla Rouge
Murantwenza ngo isuku mu gisagara ca Bujumbura?hhhahah aba DD nibahere mugusukura ubwonko bwabo burimo umucafu mwinshi cane
26 Myandagaro 2017, 16:56, par sany
none biyunvira kobob barabaririye amaher nibatenyenye uwomusi yababwiy iciza nukobatota akaz ngonikubera ayomafarang