Abakunzi ba Spok’s bagiye gushikirizwa urukurikirane rushasha rw’indirimbo

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 14 Nyakanga 2017 saa 04:59
Yasomwe : 2718
0 0

Spok’s yaraye atanze umuco ku bimaze iminsi bivugwa hagati yiwe n’umukunzi wiwe, si ivyo gusa, uwo muririmvyi aranavuga kandi ku bijanye n’urukurikirane agiye gushira ahabona.

Urwo rukurikirane ruzoba rubaye urwa rwa mbere rwa Spok’s. Nta zina aratora ariko avuga ko ruzoba rugizwe n’indirimbo ziwe za kera, hamwe na nshasha zishika kuri zitanu. Urwo rukurikirane rugiye kuzoja ahabona mu kwezi kwa Munyonyo uno mwaka.

Mu kiganiro "Bararirimba" gica ku nsamirizi "Umuco Fm", Spok’s yarabajijwe ku bijanye na Nancy Gaelle bahora bakundana. Kuri ico kibazo, Spok’s yishuye ko bavanye ariko ko n’ubu bagifitaniye imigenderanire myiza. Uwo muririmvyi aremeza ko agikunda Gaelle, kandi ko bashobora no gusubirana na rirya ataco bapfuye.

Tubibutse ko Spok’s amaze igihe ari muri Kenya, aho ashima intambwe anagezeko. Tubibutse kandi ko amaze gusohora indirimbo zishika kuri icumi, akaba ategekanya gukora urukurikirane ruzovamwo indirimbo ziri hagati ya cumi na zibiri na cumi na zitanu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha