Accueil > Amagara y’abantu > Imyiteguro ku ndwi yahariwe amagara meza y’umuvyeyi n’ikibondo (...)
Imyiteguro ku ndwi yahariwe amagara meza y’umuvyeyi n’ikibondo birabandanya
vendredi 16 Ruheshi 2017
Mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA kuri uno wa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi 2017, Joselyne NSANZERUGEZE yaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu yamenyesheje ko abamenyeshamakuru bahamagariwe gufasha mu guhimiriza abantu kugira bitabe ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo igice ca mbere c’uyu mwaka, bizotangura kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi gushika kw’igenekerezo rya 22 Ruheshi 2017 .
Joselyne NSANZERUGEZE yamenyesheje ko muri iryo himiriza abamenyeshamakuru basabwa kuzocisha ku ma radiyo hamwe no mu binyamakuru ibikorwa bizorangurwa muri iyo ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo, muri ivyo bikorwa harimwo kuzotanga umuti w’inzoka witwa (Albendazole ) ku bana bafise imyaka iri hagati y’umwaka 1 gushika ku myaka 14 y’amavuka, uwo muti ukazotangwa kandi no ku bavyeyi bafise imbanyi kuva ku mezi ane no kuduga, gutanga amama ya vitamine “ A ‘’ ku bana bafise kuva ku mezi 6 gushika ku myaka 5 mu gihugu cose.
Uwaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA yavuze kandi ko muri iyo ndwi, hazobandanya ibikorwa vyo gutanga incanco zahora zitangwa na cane cane urucanco rw’agasama n’urwa "Rubeole" isanzwe ifise ibimenyetso nk’ivy’agasama, hamwe no gutanga urucanco rwa 2 ya kansere yo mu rwinjiriro rwo mu gitereko ku bana bo mu ntara ya Rumonge na Ngozi bo mu mwaka wa 3 w’ishure nshingiro hamwe n’abana bafise imyaka 10 batiga .
Iruhande y’ivyo bizorangurwa muri iyo ndwi harategekanijwe kandi igikorwa co kwegeranya amaraso mu gihugu cose kugira abayakeneye bayaronswe, hamwe n’inyigisho zizotangwa zijanye n’imyifato ibereye kugira abantu bagire amagara meza.
Ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo bizokwugururwa ku mugaragaro mu ntara ya Rumonge kw’igenekerezo rya 19 ruheshi 2017, ku civugo : “Twese dukorere hamwe mu guteza imbere amagara y’umuvyeyi n’ikibondo “ .
Vianney BIKORIMANA