IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana 6 nibo bapfuye batwawe n’inzuzi mu kwezi kumwe kwa Munyonyo

Abana 6 nibo bapfuye batwawe n’inzuzi mu kwezi kumwe kwa Munyonyo

jeudi 30 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibiziga vy’abo bana batwawe n’inzuzi zitandukanye vyatowe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Mu runani FENADEB bavuga ko batewe impungenge n’ibitigiri vy’abo bana batwarwa n’inzuzi bibandanya kwiyongera.

Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani FENADEB ariyamiriza kubona abavyeyi hamwe n’abandi bantu bakuze bafata batitaho, kandi bagafata minenerwe abana mu gihe imvura iba iriko irarwa.

JPEG - 26.8 ko
Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru wa FENADEB

Uwo arongoye FENADEB asaba abavyeyi hamwe n’abarezi bo ku mashure gukurikiranira hafi abana, hamwe n’ukubacunga neza, cane cane mu bihe vy’imvura.

Jacques NSHIMIRIMANA abishikirije mu gihe muri iyi ndwi hari ikiziga c’umwana catowe ku nkengera z’uruzi Ntahangwa, ku kiraro kigabura zone ya Cibitoke na Ngagara, ku ruhande rw’aho bita "Kurya Kanyoni". Ababonye ico kiziga bamenyesheje ko cazananye n’amazi y’imvura, kiva ku ruhande rwa zone Kamenge, muri komine Ntahangwa.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.