IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abanyakaranga n’umu Rappeur bo mu Burundi bakoranye ururirimbo

Abanyakaranga n’umu Rappeur bo mu Burundi bakoranye ururirimbo

mardi 28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

"Ingoma z’Iwacu" rwaririmbwe n’umu rappeur B Face hamwe n’abaririmvyi b’akaranga Alfred na Bernard bazwi kw’izina rya Nkund’abantu (izina riva ku ruririmbo "Nkund’abantu rwabiciye bigacika rukanatuma abo baririmvyi babiri bamenyekana). Urwo ruririmbo rwakozwe n’umuhinyanyuzi karuhariwe Amir Pro wo muri Ikoh Multiservice.

Alfred na Bernard bumvikana bahamagarira Abarundi gukunda akaranga kabo, bakanagakundisha n’abandi. Baraca ku mayange ubwoko bw’imidiho ivuzwa mu Burundi, bakemanga ko Ingoma ari ik’i Burundi.

B Face nawe yumvikana yibutsa amamuko y’ingoma z’uburundi, akanibutsa ko zatanguye kuvuzwa igihe umwami yari yahunze abari bamuteye. B Face avuga ko ingoma zavugijwe barondeza umwami.

Ururirimbo "Ingoma z’Iwacu" ruvanze amajwi y’ibikoresho vya kera nk’umuduri, ikembe, agahugugu, ingoma hamwe n’ubuhinga bwa none buri mu mudiho wa Rap. Ivyo bisigurwa n’uko ururirimbo rwahuje abanyakaranga n’umu rappeur.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Ingoma z’Iwacu"


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.