Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ntibitavye bose akamo batewe
Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ntibitavye bose akamo batewe
lundi 24 Ndamukiza 2017, par
Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ntibitavye ku bwinshi akamo bari batewe n’umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, uwo akaba yari yamenyesheje abo banyeshure ko abatazokwitaba ivyigwa gushika kuri uwu wa mbere bazoba batakaje umwaka w’ishure barimwo.
Mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi, abanyeshure bariko bakora ibibazo nibo bahaboneka ku bwinshi, abandi bakaba batitavye akamo batewe nk’uko vyategerezwa.
Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwari bwagabishije irya nyuma abanyeshure bahagaritse ivyigwa. Itangazo ryasohowe na Gaspard BANYANKIMBONA, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi ryavuga ko abanyeshure batazoba basubiriye kw’ishure kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2017 igihe c’isaha zibiri z’agatondo, bazoba batakaje umwaka w’ishure barimwo. Mu buyobozi bwa Kaminuza bakavuga ko iyo ngingo itarahinduka.
IGIHE
Messages
24 Ndamukiza 2017, 19:20, par Ñ
Mwiriwe.Nukur Ababanyeshure Ndabashimiy Kub Berekany Urukundo Bafitiy Bagenz Babo Bafunzwe Aband Bakirukanwa.Abo Bayoboz Nimb Kok Imana Yabahay Umurim Wokurer Nibavyure Urukund Gwumuvyey Bagirire Ikigongwe Abo Bana Babafunguze Abandi Babagarure Kwishure.Hama Ivyobasavy Bazobibandanye Biga Kumbure Nyakwubahwa Umukuru Wigihugu Azogira Icababwiye.Nimb Baramukosherej Ntawund Ajejw Kumuhanira Kirets Wenyene.Nimubafate Nkabana Mwavyaye Kuko Ejo Nejobundi Nibo Tuzob Dukomera Amashi Babaye Abant Bakomeye Cane Muriki Gihugu Cacu.
24 Ndamukiza 2017, 22:08, par Mediator
Igarukire Ku mirimo bewacu mureke bansumirinda !!! Reka ndabibire akabanga banyeshure dusangiye imirimo iyo habonetse ikintu gisa n,akabazo gato hari abantu batipfuza ko tuva mu gacinyizo n,akagaye duhitiyemwo nico gituma muba mukwiye kwirinda kuko hari abafise inzigo n,ishari vyo gutoba no kwononera Leta kugira ngo bereke amakungu ko Leta ihari vyayinaniye please ndabinginze iyo mwumvise imigumuko be mwitonda mwibuke aho duhitiye no kuba muri kuri kaminuza hari abatavyipfuza muri kumwe ngaho. Be wise as snacks and be humble as doves are . I have been advising about this event that is sometimes there only for disturbing
25 Ndamukiza 2017, 02:10, par Nyamwiza
Aho bamaze kubacanishamwo!!!