IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyororo 2800 nibo bamaze kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

Abanyororo 2800 nibo bamaze kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

lundi 26 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, Jean Marie NSHIMIRIMANA, umukuru w’ishirahamwe "NTABARIZA" yateye akamo abibaza ko barenganijwe, ko bokwandikira uwo murwi wamaho ukurikirana ibibazo vyabo.

"Hari abavuga ko ama Dosiye yabo atoba yarashikiriwe ngo yigweko. Ishirahamwe NTABARIZA risaba umurwi wamaho gusubira kwihutira kuraba neza ko ata n’umwe yoba yararenganijwe. Ishirahamwe NTABARIZA risaba abanyororo bibaza ko ama Dosiye yabo atashikiriwe kwandikira uwo murwi kugira ngo basubire bihweze neza ko atawoba yarasimbwe n’iyo ngingo."

JPEG - 1.7 Mo
Jean Marie NSHIMIRIMANA, umukuru w’ishirahamwe "NTABARIZA"

Bamwe mu barekuwe bashitse bigenza nabi basubira mu munyororo, abandi nabo baratotezwa mu miryango yabo, nk’uko vyemezwa na Jean Marie NSHIMIRIMANA atanga uturorero two mu ntara za Kirundo, Bujumbura rural hamwe na Mwaro, aho hari abarekuwe barungikiwe iyindi mitahe y’ukwitaba ubutungane. Uwo arongoye ishirahamwe "NTABARIZA" asaba abajejwe intwaro ko bokwubahiriza ingingo y’ikigongwe umukuru w’igihugu yatanze.

"Turateye akamo abajejwe intwaro hamwe n’imiryango bashikiyemwo kubakira, bakabereka inyifato n’ibikorwa vyo kwiteza imbere bibarinda gusubira mu mabohero."

Ishirahamwe "NTABARIZA ribandanya risaba ko ata muntu yosubira gupfungirwa ubusa bivuye ku karenganyo, iryo shirahamwe rigasaba kandi ko ata gihano c’umunyororo uri munsi y’imyaka itanu cosubira kubaho, kigasubirizwa n’ibikorwa nsimburagipfungo vyoteza imbere igihugu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.