IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanywanyi ba CNDD FDD bavyaye abana hanze bahawe amezi atandatu

Abanywanyi ba CNDD FDD bavyaye abana hanze bahawe amezi atandatu

lundi 26 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu birori vy’ukurabira hamwe ivyaranguwe n’igisata c’abakenyezi b’umugambwe CNDD FDD vyabaye kuri uwu wa gatandatu mu ngoro y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, Anastase MANIRAMBONA ajejwe akarangamutima mu mugambwe CNDD FDD, kwigisha ivy’uwo mugambwe hamwe n’ugukurikirana abanywanyi b’uwo mugambwe baba hanze y’Uburundi, yamenyesheje ko abarenga ibigo batagira ikibanza muri CNDD FDD.

"Mukenyererarugamba, mugumyabanga uzi ko urenga ibigo, nta kibanza ufise mu mugambwe CNDD FDD. Ivyari i magera vyarageruye. Hari ababeshera abandi ngo abagabo nibo barashurashura, barishurashuza?"

Anastase MANIRAMBONA yabwiye abari bitavye ibirori ko n’ingingo zafashwe, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu. Imwe muri izo, akaba ari ukwandikisha abana bavutse hanze.

"Twahaye amezi atandatu kuva igenekerezo rya 10 ukwezi kwa gatatu 2018, ko umugumyabanga azi ko afise abana hanze, ategerezwa kuba yabandikishije. Ako gatima k’ugushurashura agaca agaheba. Atari uko tuzoca tumufuta burundu mu mugambwe CNDD FDD tumurungike mu migambwe yipfuza."

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba n’umukuru w’inama y’inararibonye z’umugambwe CNDD FDD atangurije isekeza rivuga ko abubakanye bose bategerezwa kuba banditswe mu bitabu vy’amategeko, kandi ko ata mugabo akwiye kwubakana n’umugore arenga umwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.