Cédric Bangi yamenyesheje ko intumbero y’urukino bakinye itari iyo guhiganwa ngo berekane uwusumvya uwundi gukina umupira w’amaguru, ariko ko intumbero ariyo gukomeza ubucuti n’umuvukano hagati y’abaririmvyi n’abamenyeshamakuru b’inkino.
Avuga ati « Turamaze kwubaka umuryango munini, kandi ukundana.Nkuko turi magiriranire muvyo dusanzwe dukora twese, izi nkino dutunganya ni kugira tugume twunze urunani, umuryango wacu ugume ukomeye. »
Cédric Bangi avuga kandi ko mw’ishirahamwe ryo kuguranana hagati y’abaririmvyi, bashaka ko abaririmvyi bose bogira uruhara, na cane cane abakiri bato, ari nayo mpamvu bahisemwo gukinisha abaririmvyi benshi bitwa ko ataho barashika.
Asigura ivyo vyakozwe mu ntumbero yo kubatera intege, kugira babone ko bakuru babo mu mwuga babitayeho.