Abashikiranganji batanu bashasha muri Reta y’Uburundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 20 Ndamukiza 2018 saa 08:11
86205
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahinduye abagize Reta y’Uburundi kuri uwu wa kane, nk’uko biri mw’itegeko ryasohotse ku mugoroba wo kuri uwu wa kane. Abashikiranganji batanu bashasha muri Reta y’Uburundi nibo bagenwe. Muri iyo nteguro nshasha, n’ubushikiranganji bumwe bumwe bwahinduye amazina.

Batanu bashasha bagenwe n’umukuru w’igihugu ni Ezechiel NIBIGIRA yigeze kuba aserukira Uburundi muri Kenya, akaba yarigeze n’ukuba ari umukuru w’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD ku rwego rw’igihugu. Yagenwe mu mabanga y’ukuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba agiye mu kibanza cahoramwo Alain Aimé NYAMITWE.

Nestor BANKUMUKUNZI yahora ari umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yasubirijwe na Serge NDAYIRAGIJE yahora muri Reta y’Uburundi nyene, ariko akaba yahora ajejwe ubushikiranganji bw’intwaro ibereye. Ubwo bushikiranganji bw’intwaro ibereye ubu burongowe na Jeanne d’Arc KAGAYO yahora nawe nyene muri Reta y’Uburundi.

Muganga Josiane NIJIMBERE yahora ari umushikiranganji w’amagara y’abantu yasubirije na Muganga Thaddé NDIKUMANA yahora ari umuvugizi w’ubwo bushikiranganji.

Pélate NIYONKURU yahora ari umushikiranganji w’ubudandaji yasubirijwe na Jean Marie NIYOKINDI. Uwo yahora ari umushikiranganji w’ubudandaji akaba yagenwe gutwara ubushikiranganji bujejwe imico kama hamwe n’inkino. Ubushikiranganji bwahora bwitwa ubw’urwaruka, inkino n’imico kama bwagabuwemwo imice ibiri, hiyongerako ubushikiranganji bujejwe urwaruka, ubuhinga bwa none, hamwe n’amaposita bwahawe umukenguzamateka Evelyne BUTOYI yigeze kuba ajewe kumenyesha amakuru mu mugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu.

Ubundi bushikiranganji bwahinduye izina ni ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bwagabuwemwo imice ibiri igizwe n’ubushikiranganji indero, n’inyigisho z’imyuga burongowe na Janviere NDIRAHISHA, hamwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza hamwe n’ubushakashatsi burongowe na Gaspard BANYANKIMBONA yahora ari umuyobozi mukuru wa Kaminuza y’Uburundi.

Muri iyo Reta nshasha y’Uburundi, umushikiranganji ajejwe ibidukikije yatakaje ikibanza, kuko ubushikiranganji yahora arongoye bugiye gutwarirwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi burongowe na Déo Guide RUREMA yagumye muri ico kibanza.

Tubamenyeshe ko abashikiranganji batanu bose bo mu runani rw’abigenga Amizero y’Abarundi bagumijwe muri Reta y’Uburundi, ariko bamwe muribo bahindurirwa ubushikiranganji. Abo nabo ni Jeanne d’Arc Kagayo, Félix Mpozeriniga, Jean Bosco Hitimana, Serges Ndayiragije hamwe na Pélate Niyonkuru.


Kumenyekanisha

1
NGENDAMBIZI Jonathan 23-04-2018 à 10:59

Turizeye ko Dr Gaspard BANYANKIMBONA atazokingira ikibaba abanyonyeza itunga rya Leta mu ma Institutions publiques àcaractère administratif yegukira ministère yiwe bishobotse mbere ministère ya bonne gouvernance ikarungika abatohoza ukuntu budgets zaronse izo Institutions yakoreshejwe kuko umengo hamwe hamwe harabayeho utunenge mu bijanye n’amasoko.

2
DEO 22-04-2018 à 18:50

NIBASABIKANY MUKIGOBE NIHEZA

3
niyungek sositen 21-04-2018 à 17:20

rek reka ntumushuk

4
NGENDAMBIZI Jonathan 21-04-2018 à 10:07

Muri Gouvernement ko Enseignement Supérieur ivuye mu minwe ya NDIRAHISHA Janvière akajagari yatera twibaza ko gaca kagabanuka abo yari yagize ibimana bakaza ku murongo cousinage na favoritisme mu mabanga abantu bashingwa bigakosorwa, ...

5
Fabrice Irutingabo 21-04-2018 à 07:05

None abo bandi ko mutatubwiye iyo bimuriwe?canke akazi kabaheranye?numva ari vyiza

6
NIYUNGEKO ALEX 20-04-2018 à 14:54

ABIZE NIBESHI REKA BAZE BARASABIKANYA GUSA UWUROSE NTASESAGURE KUKO EJO HAJA UYUNDI NIKOBIRI!

7
Jojo 20-04-2018 à 11:13

Mutama nahinyanyure erega nico twamutorey atuber ijisho ibitagenda neza bij kumuringo nayo abakuweho sukuvuga kwataco bari bamaz

8
Busurahende 20-04-2018 à 10:39

Indogobwa iyo uhejeje kuyigirira neza mu kugushimira iraguhonyanga n’imbavu ikavuna.

9
Kararuza 20-04-2018 à 08:23

Iyo niyo CNDD-FDD,nkeka Aime Nyamitwe aronse icigwa,nomugira inama yo guca akura meza naho ubundi nta nkeka arameswa

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha