Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abasirikare ba Amerika bagumijwe mu Afganistan
Abasirikare ba Amerika bagumijwe mu Afganistan
mardi 22 Myandagaro 2017, par
Donald Trump yamenyesheje ko umugambi wo gukura ingabo za Amerika muri Afuganisitani ubaye urabangira kuko vyohava bifasha intagondwa kwisuganya zikaba nyinshi, nkuko vyagenze mu gihugu ca Irake.
Donald Trump yamenyesheje abicishije ku mboneshakure ko umugambi uriho ari uwo kwongereza abasirikare ba Amerika muri ico gihugu, kugira bakomeze umutekano hamwe no kurandurana n’imizi intangondwa zose.

Umwaka wa nyuma utegekanywa na Amerika gukorera ibikorwa vya gisirikare muri Afuganisitane hamwe n’igitigiri c’abasirikare bazokwongera ku basanzwe bari muri co gihugu ntivyamenyeshejwe.
Vianney BIKORIMANA
Messages
23 Myandagaro 2017, 15:03, par nephtalie
afashe ingingo nziza son Excellence President Donald Trump gufata iyi ngingo ije hageze. ONU
nayo nyene nibonerehogufata ingingo yokwongereza ingabo mubihugu birwiriyemwo intagondwa kuko uravye ibiriko bibera nigeria, sodani y’amajepfo, somalie n’ahandi birakenewe ko ingabo zokwongerezwa mbere n’uburyo bukongerezwa kugira izo ntagondwa zishobore kurwanywa.