Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare b’abarundi bagiye gufasha kugarukana amahoro muri Centrafrica (...)
Abasirikare b’abarundi bagiye gufasha kugarukana amahoro muri Centrafrica bahawe imidari
jeudi 15 mars 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Colonel Gaspard BARATUZA, amenyesha ko, abahawe imidari ari abasirikare 743, bose bo mu murwi wa gatatu wagiye mu gihugu ca Centrafrika mu gikorwa co gufasha kugarukana amahoro.
Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abo basirikare bahawe imidari, bahejeje ikiringo c’umwaka muri ivyo bikorwa , bazoca basubirirwa n’abandi basirikare b’abarundi 750.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, amenyesha ko ico gitigiri cahawe imidari kitakwiye 750, kuko hari abatahejeje ibikorwa kubera indwara canke ibindi.

MUGISHA Van Naris
Messages
16 mars 2018, 07:03, par Jean Claude
Abarimyi bo mu Rumonge mwigumye ibizanye nibirere niko biri .Nino mumahanga dutuye vyama vyabaye rero ntawe vyotera ubwoba igikuru kuguma dusenga .
16 mars 2018, 09:27, par erc
nivyizako baronse imidari barakozeneza nibaze ngaha bakorere igihugu cabibarutse. muga baratuza abivuze ukutariko. avuzengo bazosubirigwa nabandi basirikare babarundi 750 . ahubwo nuko ikiringo caheze ntabazobasubirira muri centrafrique.
16 mars 2018, 09:47, par INTAGOHEKA
Nibakomeze Bagarukanum Utekano Mumakungu Nkuko Babikoze Muburundi Hanyuma Inyanka Burundi Hamwe Nabakoroni Baboneko Muburundi Amaho Ari Ryanawe Kandi Ko Dushoboye
18 mars 2018, 23:32, par ndayisenga richard
komineyacu.nikomine ishajije.nikomine gisuru intara yaruyigi