IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Abigeme biruka bafise imero z’igihungu basabwe gufata imiti yo kugabanya iyo (...)

Abigeme biruka bafise imero z’igihungu basabwe gufata imiti yo kugabanya iyo mero

vendredi 27 avril 2018

Iryo shirahamwe rivuga ko hari abanonotsi bamwe biruka mu ruhande rw’abigeme, ariko bafise imyifato n’ingene baremwe, vyegereye uko abahungu baremwe.

Muri abo bavuzwe, aharimwo umunya Afrika yepfo Caster Semenya yiruka imetero 800 hamwe n’imetero 1500, muri iki gihe akaba ariwe afise umwanya mwiza wa mbere kw’isi, mu kwiruka ivyo birere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi, rimenyesha ko mu gihe abo bigeme baremwe ku buryo imyifato yabo yegereye iy’abahungu, batemeye gufata imiti igabanya iyo mero y’igihugu, bazoca basabwa kwirukana n’abahungu.

Caster SEMENYA arabwa n’iyo ngingo, yamaze kugira ico ashikirije abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yanditse avuga ati : « Ndazi neza gushika ku bice 97 kw’ijana ko mutankunda, ariko ndazi ijana kw’ijana ko ivyo ataco bimbwiye. »

Bamwe mu banonotsi biruka canke bagira izindi nkino, biramaze kuboneka ahanini ku ruhande rw’abigeme ko baba bafise imero y’igihugu, ibituma bamwe mbere bagira amakenga bibaza nimba vy’ukuri ari ari abigeme canke abahungu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ubwo iryo sishari babafitiye ? none biragoye kumenyako umuntu ari umuhungu cke umukobwa ?ahoho na Francine arafatwa niyo,ngingo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.