IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Abo mu murwi wa Fizzo bamirira kure ivyo Ikoh ibarega

Abo mu murwi wa Fizzo bamirira kure ivyo Ikoh ibarega

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ininahazwe Raissa ari mu batanga amakuru murwi wa Fizzo yamirira kure ivyo uburongozi bwa Ikoh Multiservice bubarega. Raissa avuga ati : "Ururirimbo "Konzi" rugira rukwize amezi abiri ruriko ruravuzwa hirya no hino, ubu siho bovuga ko ako kajambo ari ak’iwabo". Uwo nyene avuga ko muri Ikoh boba bafise iyindi ntumbero.

Ikindi Raissa amenyesha n’uko ururirimbo "Konzi" rwakunzwe cane, ari naco gituma muri Ikoh barondera kwiyitirira ijambo "itakuwa ngumu" kugira ururirimbo rwabo narwo ruze rukundwe.

JPEG - 38.3 ko
Ininahazwe Raissa ari mu batanga amakuru murwi wa Fizzo

Tubibutse ko ijambo "Itakuwa ngumu" ari umutwe w’ururirimbo rwakozwe na Franck Duniano na Vichou wo muri Peace&Love. Urwo ruririmbo rwoba rwatanguye gukorwa mu kwezi kwa Ntwarante uno mwaka, mu mugambi "U’ll Love Changes Vol2" wa Ikoh.

Aba n’abandi bagendera muri Ikoh Multiservice nabo bakemeza ko ako kajambo kamaze igihe kinini kahavugirwa.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.