Afganistani : Ishuri rya gisirikare ryatewe n’abitwaje ibirwanisho

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 29 janvier 2018 saa 10:39
6435
0 0

Ibimenyeshamakuru mu gihugu ca Afganistani bivuga ko kaminuza y’igihugu yigisha ivyo kwivuna abansi ya Marshal Fahim yatewe mu gitondo ca kare, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Nzero 2018.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko amasase n’amabombe yumvikanye kuri iyo shure ya gisirikare, iri I Kabul, ku murwa mukuru wa Afganistani.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko ico gitero kije gikurikira icahitanye abantu benshi cane gusumba abapfuye muri iyi myaka iheze, cahitanye abantu barenga 100 ku wa gatandatu.

Ico gitero co ku wa gatandatu cagizwe hakoreshejwe imodoka itwara abarwayi yashizwemo amabombe.

Gushika ubu,abarwanyi b’umurwi wiyitirira Reta ya ki Islam ,Islamic State n’aba Talibani ni bo baguma bagira ibitero mu turere dutandukanye muri ico gihugu ca Afganistani.
Abarwanyi b’abatalibani bavuga ko ari bo bagize ivyo bitero ko ari bibiri.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha