IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Afirika y’Epfo :Umugore yibungenze yavyaye abana 5

Afirika y’Epfo :Umugore yibungenze yavyaye abana 5

Friday 14 September 2018, by vianney

Amakuru dukesha BBC avuga ko ikigo Clinix Health Group giserukira ivyo bitaro abo bana bavukiyemwo kimenyeshako abo bana babaye aba gatanu bavutse ari batanu murico gihugu kuva mu mwaka w’i 1960.

Ayo makuru avuga ko abaserukira ivyo bitaro bashikiriza ko ivyo ari ibisanwe iyo havutse k’umugore umwe abana barenze umwe icarimwe.

Amakuru atangwa n’abaganga bo murivyo bitaro avuga ko buri mwana yavutse afise ikiro kimwe kirenga kandi bose bahema neza.

Muganga Moeng Pitsoe ari murwi w’abaganga wavyaje uyo mugore avuga ko hari icizere yuko abo bana bose bazokura bafise amagara meza.
Abo bana batanu bavutse ni Siyanda, Sibahle, Simesihle, Silindile hamwe na Sindisiwe.

Bitegekanijwe ko abo bana bazova mu bitaro bamaze gukwiza ibiro bibiri umwumwe.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.