IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Abimba ubutare 955 bari baheze mu binogo barokowe ari (...)

Afrika y’Epfo: Abimba ubutare 955 bari baheze mu binogo barokowe ari bazima

Friday 2 February 2018

Umwe mu barokotse, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ati: «Vyari biteye ubwoba.Hari ubushuhe bwinshi cane.»

Ukwo gucika kw’amatara kwoba kwavuye ku kirere ciriwe kitameze neza gituma abo bakozi begukira ishirahamwe Sibanye Gold de Beatrix,bahura n’iryo sanganya bakaba bamaze umunsi urenga batarava mu binogo., ku mvo z’uko ivyuma bakoresha bitashobora gukora kubera ata muyagankuba.

Umuyagankuba wagiye kugaruka kur’uyu wa gatanu amasaha ya samunani z’ijoro, gutyo abo bakozi babona kurokorwa .

Umuvugizi w’ishirahamwe akaba yabwiye itororokanirizo AFP ko ata numwe yitavye Imana, akavuga ko hari abagize ibibazo vyo guhema neza.

Umwe muri abo bakozi yavuze ko habayemwo ugusamara kw’abarongozi, ko bari gutegekanya uko bakora mu gihe ata muyagankuba uhari.


BUKURU Pacifique

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.