IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo:Cyril RAMAPHOSA yatowe kuba umukuru w’igihugu

Afrika y’Epfo:Cyril RAMAPHOSA yatowe kuba umukuru w’igihugu

jeudi 15 février 2018

Nk’uko amakuru dukesha imboneshakure France 24abimenyesha,umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro Mogoeng Mogoeng yamenyesheje ko Cyril RAMAPHOSA umukuru w’umugambwe ANC atowe kuba umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo .

Cyril RAMAPHOSA yamenyesheje ko mu bikorwa vyihutirwa bagiye gutorera inyishu aribijanye n’igiturire,kugarukira amahinguriro ya Reta .

Cyril RAMAPHOSA ari imbere y’abashingamateka yavuze ko azorangura akazi kiwe n’ubwira kandi yijeje ko atazohemukira abanyagihugu.

Abatavugarumwe na Reta nabo nyene bashimye itanga ry’imihoho ry’umukuru w’igihugu Jacob ZUMA.

Umwe mu batavugarumwe n’umugambwe ANC,Julius MALEMA yamenyesheje ko banezerejwe no kubona Jacob ZUMA avuye ku butegetsi ariko bagiye gukwirikiranira hafi abarongozi bashasha.

Julius MALEMA yavuze ati :"Zuma aragiye ubu tugiye gukwirikiranira hafi abamusubiriye.”

Julius MALEMA yavuze ko ata ngorane bafitaniye na Jacob ZUMA ariko ingorane bazifitaniye n’umugambwe ANC.

Bitegekanijwe ko Cyril RAMAPHOSA azoshikiriza ijambo imbere y’abashingamateka hamwe n’igihugu muri rusangi ejo ku musi wa gatanu mu masaha yo ku mugoroba.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.