Amakuru dukesha ikinyamakuru JeuneAfrique amenyesha ko inama nshingamateka igiye kubikora inyuma yo gusabwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu mpera z’umwaka wa 2017, ko yoshiraho uburyo bwoshobora gukoreshwa kugira Jacob Zuma akurwe mu mabanga yo kurongora igihugu.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yagirije inama nshingamateka ko itigeze isaba umukuru w’igihugu kwerekana ubutunzi afise, mu bijanye n’inyubakwa yiwe yubatse.
Kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Nzero 2018,inama nshingamateka yamenyesheje ko kuwa gatatu igenekerezo rya 10 no kuwa kane igenekerezo rya 11 Nzero 2018, umurwi ujejwe gusubiramwo amategeko uzogira ico ushikirije kw’ibwirizwa nshingiro, ku ngingo yaryo ya 89 isaba umukuru w’igihugu gutanga imihoho.
Naho vyageragejwe kenshi ko Jacob Zuma akurwa ku butegetsi n’inama nshingamateka, ico gikorwa nticigeze coroha kuko afise igitigiri kinini c’abamushigikiye mu nama nshingamateka.
Jacob Zuma, ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2009, ikiringo ciwe bitegekanijwe ko kizohera mu mwaka uza wa 2019.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() RDC: ONU isaba reta kugiranira ibiganiro n’abatavugarumwe nayo
8.10.2018 |
![]() Zambiya: Umutamakazi w’imyaka 73 yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo
6.10.2018 |
![]() RDC: Abakozi 2 bavura ingwara ya Ebola bakomeretse batewe n’abanyagihugu
4.10.2018 |
![]() Uganda :Igiporisi cankiye Bobi WINE kwijana muhira avuye ku kibuga c’indege
21.09.2018 |
![]() Zambiya: Ubwongereza bwahagaritse imfashanyo bwaronsa ico gihugu
19.09.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Muri Afrika"... |