IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Agasuzuguro kagiriwe Igihugu cacu nta gihugu cikukiye cokihanganira

Agasuzuguro kagiriwe Igihugu cacu nta gihugu cikukiye cokihanganira

samedi 31 Kigarama 2016, par Jean De Dieu

UMUKURU W’IGIHUGU YASHIKIRIJE IJAMBO ABARUNDI N’AMAKUNGU

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

1. Umwaka w’2016 turawusozereye, dutanguye uw’2017 turi mu mahoro n’umutekano. Turakengurukiye Imana Mushoboravyose yazigamye kandi ikarinda Uburundi n’Abarundi muri uyu mwaka urangiye w’2016.

2. Turipfurije Abarundi bose iyo bari hose, tutibagiye n’abo bose baba mu Burundi umwaka muhire w’2017, uze ubabere umwaka w’amahoro y’Imana.

3. Turashimiye inzego zitandukanye duhereye kuri Leta, Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka, inzego z’umutekano, eka n’abo bose bakoze batiziganya kugira uyu mwaka wose urangire turi mu mahoro n’umutekano.

4. Ni naco gituma icivugo c’uno mwaka dutanguye ari : “Tugire urunani rw’intamenwa mu gutsimbataza amahoro arama n’intahe y’ukwikukira”.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

5. Umwaka w’2016 urarangiye, twinjiye mu mwaka mushasha w’2017. Kuva na kera na rindi, hari amahoro mu gihugu, umwaka mushasha wamye uhimbazwa mu kanyamuneza.

6. Muri uyu mwaka w’2016, Leta yarashoboye kurangura ibitari bike, ntitwobigarukako vyose, ariko twagomba tuvuge bimwe bimwe mu ncamake, ibindi abashikiranganji, hamwe n’abajejwe ibisata bitandukanye bazoza barabibashikiriza.

7. Mu Gisata c’amahoro n’umutekano : Umwaka w’2016 waranzwe n’amahoro n’umutekano mu gihugu cose.

Leta yari yihahe ihangiro ryo kugarukana no gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cose. Si agaseseshwarumuri rero ko ubu mu gihugu cose harangwa amahoro n’umutekano. Ivyo tubikesha ubwira n’ubukerebutsi Leta, eka mbere n’abarundi bose babigizemwo.

Imigwi itari mike y’inkozi z’ikibi yarasambuwe, ibirwanisho vyakoreshwa n’abo bagizi ba nabi birafatwa.

Abapolisi n’abasirikare barahagarariye bimwe biboneka umutekano ku murango no mw’ijoro.

Haratunganijwe amanama n’inyigisho ku bijanye no kubungabunga no gutsimbataza umutekano, bikaba vyatumye abarundi bose bashishikara kubona akamaro ko gutsimbataza amahoro n’umutekano, kanatsinda murazi ko ariyo soko ry’iterambere.

Imigwi ihuriwemwo na bose ijejwe umutekano yarashizweho mu gihugu cose. Ivyo vyaragize akamaro na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho umutekano wagarutse no muri ya makaritiye abagizi ba nabi bari barononye.

Amahoro n’umutekano ntitwabigarukanye mu gihugu gusa, murazi ko abasoda n’abapolisi b’abarundi bashishikaye gufashanya n’amakungu kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu nka Somaliya, Côte d’Ivoire, Centre Afrique n’ahandi.

Muri ico gisata nyene, Leta yarahanganye bimwe bikomeye n’inyifato ya ba sesankuyoze bagomba kuvogera igihugu cacu. Aha muribuka amakuru n’amarementanya yashikirizwa mu binyamakuru, insamirizi n’imboneshakure zimwe zimwe ata kindi yari agamije atari gucanishamwo no kuryanisha Abarundi. Imvugo z’Abarundi bamwe bamwe eka n’abanyamahanga zaragaragayemwo umururazi wo kwimbira Uburundi icobo. Ingingo zimwe zimwe zafatwa na ba rwanka biyago zigamije kwambura Uburundi intahe yo kwikukira mu kugomba kurungika ku nguvu inteko mvamakungu.

Aha tugomba dushimire abenegihugu mwese mwahagurukiye rimwe mu budasa bwanyu mukavyiyamiriza. Dushimire kandi n’ibihugu bikunzi vyatahuye ako karenganyo Uburundi bugirirwa maze bakaguma badufashe mu mugongo. Imana Ibahezagire.

Turashimiye kandi abarundi bose umwe wese uruhara yagize kugira amahoro n’umutekano, bisasagare mu gihugu cose.Turashimiye kandi urwaruka rwari muri iyo migwi y’abagizi ba nabi rwitandukanije na yo, maze rukaza gufatanya n’abandi kwubaka igihugu, no gushira ahabona integuro zose z’ubwo bubisha n’abo bose babakwegeye muri iyo migumuko n’ubwicanyi.

8. Tuzokwama twibuka uyu mwaka nk’umwaka umwansi yaduciriye icobo ariko Imana ikaducira icanzo. Ntawokwibagira ingene Uburundi bwambitswe ibara bugasigwa iceyi ngo buriko butegura ihonyabwoko, mugihe ikiraje ishinga Abarundi ari ukumenya ukuri no kunywana no kwiteza imbere. Ubu twaramenye ko abakwiza ibinyoma ku Burundi aribo bamye badukwegera mu ndyane kuva kera na rindi. Twaramenye ko ihonyabwoko ari umugambi wabo atari umugambi w’Abarundi. Nibarigumize iwabo no mitwe yabo.

9. Mu Gisata c’Ubutunzi, naho hari abadufatiye ibihano mu kuhagarika imfashanyo bahora baturonsa, Leta yaritaye ku rutare kugira ubuzima bw’igihugu bubandanye uko bwahora.

Imigambi twategekanije iraranguka ukuri kwamye, abakozi ba Leta barahembwa ku gihe ata mfashanyo. Ikigo kijejwe kwegeranya amakori (OBR) cegeranije imiliyaridi zirenga 635, bisigura ko hiyongereye imiliyaridi zirenga 60 canke hafi ibice10.5% ugereranije no mu mwaka w’2015. Tuzobandanya tugendera rya ragi rya basokuru ngo amazi masabano ntamara imvyiro, kandi ngo uwutari bukuvune yokuva inyuma.

Ubu mbere harashinzwe umusi wahariwe umutangakori uhimbazwa mu kwezi kwa Kigarama aho haca hatangwa udushimwe ku batangakori bakurikiza amateko, hamwe n’abatanga amakori neza canke abatanga ubuzi gusumba abandi.

Amakomine araronswa ku mwaka amahera imiriyoni 500 yemerewe yo gufasha mw’iterambere. Eka n’ibindi bikorwa vy’iterambere vyarabandanije.

Leta kandi yarabandanije umugambi wo kurwanya ibiturire no gusesagura ubutunzi bw’igihugu.

Murazi ko igitunze Abarundi ku bice birenga 90% ari ukurima n’ukworora. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwaratanze amatoni arenga 34.000 y’umwavu w’ikizungu n’amatoni ashika 4.300 y’ishwagara ku giciro kibayabaye. Bwaratanze kandi inka, impene, n’ibindi bitugwa bito bito vya kijambere mu gihugu cose kugira abenegihugu bagwize ifumbire, bimbure vyinshi, barwanye inzara n’ubukene. Turashimiye cane Abarundi bariko barashira imitahe iboneka mu burimyi n’ubworozi.

Amashirahamwe yarabandanije imirimo yayo mbere agenda yiyongera. Aha twovuga amashirahamwe yo gukora amasaho, ayo guhingura ifu y’ibigori, ayo guhingura imiceri, amavuta, n’ayandi).

10. Mu gisata c’amagara y’abantu, abakenyezi bibungenze n’abana bari munsi y’imyaka itanu babandanije bavurwa ku buntu, kandi igitigiri cabo cagiye ciyongera kiva kuri 61% mu 2010 gishika kuri 79% uno mwaka.

11. Bitewe n’inyifato z’uburyarya, ingendo zigayitse no kurenza urugero zimaze kugaragara, leta izofata ingingo zibereye kugira uwo umugambi urangwe n’ubutungane. Twipfuza ko uwo mugambi uba uw’Abarundi kandi bubaha amategeko agenga ingo n’imiryango.

12. Leta yarabandanije gutanga ku buntu imisegetera, imiti ipfupfahaza ku barwayi ba SIDA, imiti y’igituntu n’iy’imibembe, abana nabo bararonswa incanco zitegekanijwe, kandi Uburundi buri mu bihugu vya mbere muri Afirika muri iyo migambi.

13. Mu gisata c’indero, umugambi wo kwigisha no gutanga ku buntu ibikoresho bimwe bimwe mu mashure y’intango warabandanije, abadashoboye kubandanya inyigisho z’uhirira Ishure Shingiro nabo baratunganirijwe amashure y’imyuga. Hejuru y’ivyo, haratunganijwe Amashure y’akarorero agenewe abana bafise ubumenyi buhanitse.

14. Muri ico gisata nyene, ntitwokwibagira kuvuga ivyaranguwe mu mashure ya Kaminuza, Ayisumbuye n’Amashure Shingiro. Haratunganijwe inyigisho zijanye n’ibihe kugira inyigisho zize zigirire akamaro abazoba bahejeje amashure akuriye Ishure Shingiro ; amashure y’imyuga n’amashule agenewe abana b’inkerebutsi n’incabwenge gusumba abandi.

15. Igisata c’inkino n’imico kama, naco nyene carabandanije gutera imbere.

Amahiganwa yarabaye ukuri kwamye haba mu gihugu canke ku rwego mpuzamakungu. Leta rero yarabandanije ifasha mu bijanye n’inkino n’imico kama.

Uburundi bwarateye imbere mu mahiganwa mpuzamakungu aha twovuga ibibanza vyiza Umunonotsi Francine Niyonsaba yaronse mu mahiganwa atandukanye yagiyemwo eka n’abandi bagiye bifata neza. No mu zindi nkino nyene Uburundi bwarifashe neza : twovuga nko muri judo, karate, inkino z’abashingamateka n’abakenguzamateka mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko, n’ahandi.
16. Mu kigabane c’Imigenderanire, Uburundi bwarabandanije kugwiza abagenzi hisunzwe inyungu z’igihugu n’abenegihugu, abariho n’abazokwaruka mu bihe biri imbere. Kuva mu mwaka w’2015, imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu bimwe bimwe nk’Urwanda n’Ububirigi yaratitutse biturutse kuri ivyo bihugu ubwavyo. Turasavye ivyo bihugu ngo vyikebuke, vyubahe amatekeko mpuzamakungu agenga imiginderanire n’ubwigenge bw’ibihugu, atari uko Uburundi buriteguriye vuba na bwango guhagarika imigenderanire yose twari dufitaniye.

17. Hariho n’amashirahamwe, ibiminyeshamakuru n’abantu biyita abahinga ataco batakoze ngo bacafuze Uburundi babicishije mu vyegeranyo vy’ibinyoma n’amarementanya, n’inkuru zitandukanye ; vyose bifise intumbero yo gukorera inteba ishushe no kwambika iceyi Igihugu cacu. Turasubiye kubiyamiriza twongera dusaba ko amasentare twituye ko yodutunganiriza. Vyongeye, batabihevye ingingo zose zikenewe zo kuvavanura nabo zigiye gufatwa ku neza y’Igihugu cacu.

18. Agasuzuguro kagiriwe Igihugu cacu nta gihugu cikukiye cokihanganira. Twaramenyesheje ku mugaragaro ko tutazokwigera dushigikira ishirwa mu ngiro ry’ingingo iyo ariyo yose izofatirwa Uburundi Leta itagishijwe inama. N’ubu turabisubiyemwo, nta karenganyo, agahotoro n’agasuzuguro Abarundi tuzemera ku gihugu ciza Imana yaduhaye n’umusi n’umwe, ntituzemera gusubizwa mu buja, twarikukiye.

19. Mu gisata c’ubutare harashinzwe ikigo kijejwe ubutare kugira gitunganye neza ico gisata, bakore bakwirikije amategeko, bari mu mashirahamwe, umwimbu umenyekane kandi batange amatagisi, amahera yinjire mu kigega c’igihugu kuruta uko vyahora.

20. Mu ntumbero yo gufasha abenegihugu kwongereza amikoro no kurwanya ubukene n’inzara, Leta yarashizeho ikigega gitanga ingurane ntonto zibafasha kwishingira amashirahamwe yo kwiteza imbere. Abenegihugu bashika hafi 5.000 bakaba baracituye, naco kirabatunganiriza mu kubaha ingurane y’amafaranga imiriyoni amajana ane na mirongo itatu 430.000.000.

21. Tuboneyeho akaryo ko gusubira kurarikira abenegihugu bose kwitwararika ibidukikije, dutere ibiti vyinshi kandi tubibungabunge, duce imikobeko, turwanye inkukura dukingire isi ndimwa yacu n’inzuzi.

22. Kugira imigambi mikuru mikuru na mito mito isaba umuyagankuba ishobore kuranguka, Leta yarabandanije kwubaka ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi za Mpanda, Kaburantwa, Jiji, Murembwe na Rusomo. Eka n’ibikorwa vyo gutanga umuyagankuba mu makimine atandukanye biriko birarangurwa, kandi twimirije kwubaka umuyagankuba ukomoka ku zuba mu ntara za Gitega, Makamba na Rutana.

23. Ku bijanye n’ibigwati, hariko harakorwa icigwa cerekeye amazi meza n’isuku mu bigwati 20, kugira bitunganywe neza kandi birangwemwo iterambere. Turasavye bene amazu mu bigwati kuyabamwo, atari aho naho ahabwe abayakeneye, kandi ni benshi.

24. Muri uyu mwaka w’2016, ibikorwa vy’iterambere rusangi vyarabandanije gukorwa.

Harubatswe amabarabara ya Kaburimbi ayandi arasanurwa.

Mu bikorwa rusangi, Leta ifadikanije n’abenegihugu yarubatse amashure y’intango, ayisumbuye na kaminuza, amavuriro, amabiro y’abatware mu ntara, mu makomine no ku mitumba, amavuriro, ibitaro, ibibuga vy’inkino, amasoko, ibigwati, amazi meza, eka n’izindi nyubakwa zitandukanye zarubatswe mu gihugu nk’amahoteri yo kwakira ingenzi, amasengero, n’ibindi. Vyongeye, kuva dutanguye ibikorwa rusangi, uno mwaka ni ho twinjiye inyubakwa nyinshi kandi ziteye igomwe.

Ibikorwa vyo kwubaka Ikirimba c’Umukuru w’igihugu navyo bigeze ku rugero rushimishije.

Tuboneyeho akanya ko gushimira abo bose babandanya bafasha mw’iterambere ry’igihugu.
25. Turashimiye intara za Cibitoke, Ngozi na Gitega zabaye iza mbere mu gutunganya no mu kurangura imigambi y’iterambere. Turashimiye n’amakomine ya Gihanga, Mutumba, Mwumba na Rumonge yabaye aya mbere. Dusavye amakomine nka Bururi, Mpinga-Kayove na cane cane Mukike yaraye asubiye kuba ayanyuma kwikubita agashi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’uburundi ;

26. Muri uwu mwaka dutanguye hategekanijwe ibi bikurikira :

Ibikorwa nyezina vy’Umugwi ujejwe ukuri no gufasha Abarundi gusubiza hamwe bizobandanya.

Hazoshingwa umugwi wo kwiga no guhinyanyura ingingo zimwe zimwe z’Ibwirizwa Shingiro, kugira zisunge ibihe tugezemwo n’amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu, na cane cane iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko EAC ; vyose bikazokwisunga ivyasabwe n’abenegihugu mu mice itandukanye barimwo.

Tuzobandanya imigambi ihambaye twatanguye nko kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara y’abakozi ba Leta ; kugwiza umuyagankuba ; gukingira ibidukikije ; kuvura ku buntu abakenyezi bibungenze n’abana bari munsi y’imyaka itanu ; kwigisha ku buntu abana bo mu mashure y’intango ; gutanga imisegetera, n’iyindi migambi myiza yo kuramira abenegihugu.

Naho amahoro n’umutekano vyateye imbere mu gihugu, Leta izoguma irikanuye kugira ntihagire uwuduca mu ryahumye. Aha rero duhamagarira Abarundi bose kubandanya bahagararira amahoro n’umutekano aho babaye kandi bakadoma urutoke kuri ivyo vyose bibateye amakenga, baciye muri ya mirwi y’umutekano bahurikiyemwo bose.

Tuboneye akaryo ko gutera akamo abo bose bagifise agatima ko kudurumbanya ko bobiheba. Twongeye kubibutsa ko uwuzowucana azowota kandi uwuzotera intambara izohera iwe iherere iwe. Uwuzowucana tuzowumuzimirizako. Leta iriteguye kugwanya ico cose coza guhungabanya umutekano w’Abarundi, aho cozanana hose, uko coba kimeze kwose.
Ibihungabanya umutekano mu gihugu ni vyinshi, hariho kandi ubusuma, guharika, abatwara inda z’indaro, abanywa ibiyayuramutwe n’ibindi. Leta rero izobandanya umugambi wayo wo kurwanya ivyo vyose nkuko yahora ibikora, mbere no kubihasha bijemwo.

Nkuko Ibwirizwa Shingiro ribivuga, tuzoshishikara gukingira imbibe no kwubahiriza ukwikukira kw’igihugu c’Uburundi. Abirata ko bashobora kuvogera igihugu cacu ni bateshwe bate. Turasubiye kubagabisha tubibutsa ko uwuzorukarisha ruzomumwa. Vyongeye, tuzobandanya guhagararira Ubumwe bw’Abarundi.

Mu bijanye n’abasoda bacu bagiye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano, igikorwa bakoze kirashimishije naho hariho abagiye baradutega imitego na cane cane mu kwima agashirukabute abasoda bacu. Uyu mwaka Leta turongoye igiye kubihagurukira bibaye ngombwa twitwarire abo baturenganya. Ako karenganyo gafatiye ku guhohotera agateka ka zina muntu mu kwima umushahara abawukoreye tuzogaserura.

Dusavye ko amasezerano hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Afrika yubahirizwa. Mu gihe uyu mwaka w’2016 worangira ico kibazo kitarava mu nzira, Uburundi buzofata ingingo yo gutahukana inteko zabwo kuko ari ugusesaguza Igihugu cacu no kuducura bufuni na buhoro.

27. Twisunze ivyavuye mu biganiro vyabaye, amategeko azosubirwamwo, na cane cane amategeko yerekeye ibihano bihabwa abakoze ibikorwa vyagahomerabunwa, abafashwe bonona ubutunzi bw’igihugu canke abariye ibiturire, tutibagiye amategeko yo gukingira ingo, imiryango n’imibano.

28. Leta izobandanya ibikorwa vyo guteza imbere igihugu :
Amabarabara atarahera gushirwamwo ikaburimbo azobandanya gukorwa. Imana idufashije hazokwubakwa n’ayandi mashasha.

Mu ntumbero yo kugwiza umuyagankuba, ingomero z’umuyagankuba ziriko zirubakwa zizobandanya zubakwa, twongere dutangure na zishasha.
Inyubakwa rusangi nk’amashure, amavuriro, ibitaro, amasoko, ibigwati, ibibuga vy’inkino n’ibindi, navyo nyene Leta izobibandanya ifadikanije n’abenegihugu mu bikorwa rusangi, tutibagiye ibidukikije, isuku mu ngo, mu bisagara n’aho hose rikenewe.

Kugira ubutunzi bw’igihugu n’umwimbu bikomeze kwiyongera, Leta izobandanya politike yo kworohereza abagwizatunga, amakori n’amatagisi bitangwe atawuriye imitsi uwundi, nayo amashirahamwe ya Leta canke ayo Leta ifisemwo imitahe anagurwe kandi atunganywe neza.

Mu mibano, guteza imbere inkino n’imico kama y’Abarundi, Leta ntizodohoka ku mugambi wo gushigikira abafise amikoro make, gushigikira inkino zitandukanye n’abo bose bafise imigambi myiza yo gukingira no guteza imbere imico myiza n’akaranga vyacu.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

29. Mu gusozera, twashaka tubagire inama :

Turibukije Abarundi ko Uburundi ari Igihugu cacu, Umurima w’isangi dusangiye n’Imana. Dutegere kandi tuzirikane ko ata munyamahanga azokunda Uburundi kurusha Benebwo.

Twese tugire urunani rw’intamenwa turangure imigambi y’iterambere turi mu mashirahamwe. Dukunde ibikorwa kandi dukoreshe neza ubutunzi dufise.

Tugire urunani rw’intamenwa tugendere imico kama yacu, twubahirize akaranga kacu, turangwe n’ubuntu mu mvugo no mu ngiro, imisi yose na hose.

Duhamagariye Abarundi bose n’abakunzi b’Uburundi kwima amatwi n’uburyo ababacako bashaka kudusubiza mu marira n’amaganya.

Dusavye inzego z’ubutungane n’inyamiramabi kwama na ntaryo bitwararika iteka n’itekane ry’abenegihugu.

Dusavye Abarundi kwijukira amashirahamwe, yaba ayo kwiteza imbere canke ayo gukingira ibidukikije mu makomine yose agize igihugu cacu.

Tugaragaze umutima wo gukunda Igihugu cacu, intwari nka Ntare Rushatsi, Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo, Rwagasore, Ndadaye, Ngendandumwe n’abandi batubere akororero keza.

Twiteho gutanga amakori n’amatagisi, tuzamure ubutunzi bw’Igihugu cacu, dusezere ingeso yo gutega amashi abatatubabaye na gato.

Twiteho kurusha indero y’urwaruka rwacu, twamirire kure inyifato zisambura.

Dusavye Abarundi na cane cane urwaruka kwirinda ubunebwe no kugendana n’abagenzi babayovya. Mwame muzirikana aya majambo meza avuga ngo : “Hahiriwe umuntu atagendera mu nama z’ababi, adahagarara mu nzira z’abanyavyaha, akicarana n’abacokoranyi.” Ababikora bamenye ko Imana izobagaragaza.

Abamenyeshamakuru tubasavye gutunganya ibiganiro bifasha mu gukomeza Ubumwe bw’Abarundi, amahoro n’umutekano, iterambere, kugira amagara meza no gukomeza indero kavukire n’imico kama vy’Abarundi.

Turasavye abanyamahanga baba mu Burundi, ko bohaba bisunze amategeko y’igihugu, kandi bafise ivyangombwa bikwiye. Abatabifise bihute kubirondera.

Abaserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi, tubasavye kwubahiriza amategeko no gutanga inkuru z’ukuri ku Burundi. Tubasavye kandi kwirinda ico cose cotosekaza imico n’imigenzo vyacu. Mu bikorwa vyabo, basabwe kwubahiriza no kugendera amasezerano n’inyifato bijanye nk’ukwo bikorwa bikubahirizwa mu bihugu vyabo.

Inzego za Leta nazo tuzisavye kurikanura ngo ntizigwe mu mitego, zitondere amategeko n’amasezerano agenga imigenderanire n’ugufashanya, bibaye ngombwa ziture Ubushikiranganji bubijejwe.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

30. Turasubiye gutera akamo Abarundi bari hanze y’igihugu ataco biyagiriza ngo bikubite agashi. Turazi ko hariho bamwe muri bo bahenzwe, turazi ko hariho n’abandi bihenze. Abo bose nibamenye ko kugwa ari ibisanwe, ikibi ni ukurwa ntuvyuke. Twipfuza ko bose botahuka mu mwaka w’2017. Abarundi bariteguriye kubakira, nibaze dufashanye kwubaka igihugu cacu, twongere dutegurire hamwe amatora y’2020 kuko igihe ari iki inyene.

31. Akamo ko gutahuka mu Burundi tugateye kandi impunzi z’Abarundi aho ziri hose. Umwaka w’2017 n’ube umwaka w’ihungūka. Amahoro n’umutekano mu Burundi si agaseseshwarumuri, kandi Leta iriteguriye kubakira neza.

32. Turashimiye cane abamaze gutahuka bitabira akamo tudahengeshanya gutera. Tuboneyeho gusaba ibihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi n’ishirahamwe HCR ngo borohereze impunzi zipfuza gutahuka.

33. Muri iyi misi mikuru irangiza umwaka, tubasavye kuguma muri maso, muteramire umutekano w’aho mubaye.

34. Mu gusozera, Turasubiye gushimira abenegihugu ingene mu budasa bwanyu muguma mushigikiye ubwigenge bwanyu n’ubw’Igihugu mufatanye mu nda. Turashimiye n’abo bose baterereye mu kugarukana amahoro n’umutekano no mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere. Tubasavye ngo mubandanye ico gikorwa ciza.

35. Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’113 y’Ibwirizwa Shingiro, twagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, abamaze ¾ (bitatu vya bine) mu mvuto ; twongera tugabaniriza ibihano abanyororo batandukanye, bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo. Kubera iyo ngingo, abanyororo bababa 2500 bagiye kwidegemvya. Tubasavye kwirinda ico cose cotuma igiti kibakora mu jisho kabiri.

36. Turasubiriye kubipfuriza mwese umwaka mwiza w’2017, umwaka w’Amahoro y’Imana no kuroranirwa muri vyose na hose. « Tugire urunani rw’intamenwa mu gutsimbataza amahoro arama n’intahe y’ukwikukira ».

Imana ibahezagire kandi ibazigame,
Murakoze.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.