Algerie : Abagwanyi 8 ba kisiramu bishwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 2 Myandagaro 2017 saa 04:14
Yasomwe : 3492
0 0

Abasirikare b’igihugu ca Algerie bishe abagwanyi 8 ba kisiramu mu gikorwa camaze imisi 10 co gutuza abagwanyi ba kisiramu mu ntara ya Tipaza ku birometero 70 mu burengero bw’umugwa mukuru Alger.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Algerie yashikirije kuri uwu wa mbere ko abasirikare bari muri ico gikorwa ko bafashe inkoho zitarinke zari zitwajwe n’abo bagwanyi.

Ibitero vyo kudurumbanya umutekano vyaragabanutse mu gihugu ca Algerie kuva ingwano hagati y’abanya Algeriya irangiye mu mwaka wa 2002.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha