Algerie:Umuhora wa interenete wahagaritswe mu gihugu cose

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 21 June 2018 saa 12:56
9915
0 0

Igihugu ca Algerie cahagaritse mu gihugu cose umuhora wa interenete mu ntumbero yo kugwanya ko hashobora kuba ubusuma bwokorwa biciye kur’uwo muhora bujanye n’ikibazo ca Reta kiriko kirakorwa co mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye.

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako ico gikorwa co guhagarika uwo muhora wa interenete kiraba amaterefone ngendanwa hamwe n’uwo murongo nyene ukoreshwa mu ma biro atandukanye y’igihugu.

Ayo makuru abandanya avuga ko, uwo muhora uhagarikwa mu kiringo c’isaha imwe buri uko ikibazo gikorwa gitanguye mu ntumbero yo kwirinda ko hashobora kuba igikorwa co guhanahana amakuru ajanye n’inyishu z’ibibazo vyabajijwe.

Bitegekanijwe ko uwo muhora wa interenete uzohagirikwa gushika k’umusi wa nyuma w’ivyo bibazo kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018.

Ivyo bibaye inyuma yaho mu mwaka wa 2016 mu bice bitandukanye vya Alegerie habaye uguhanahana ibibazo n’inyishu imbere gato yuko ibibazo bitangura gukorwa hamwe no mu gihe c’ibibazo nyezina.

Abanyeshure barenga ibihumbi 700 ni bo bariko bakora ico kibazo kirangiza amashure yisumbuye kikazomara ikiringo c’indwi.
.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha