Ali Bongo Ondimba yasozereye urugendo yarimwo mu Burundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 14 Ndamukiza 2018 saa 11:00
111570
0 0

Umukuru w’igihugu ca Gabon Ali Bongo Ondimba yasozereye urugendo yarimwo mu Burundi twamaze amasaha make. Yashitse i Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu rugendo rw’akazi, arusozera ku mugoroba, inyuma y’amasaha abiri yamaze avugana mu mwiherero na Petero NKURUNZIZA arongoye Uburundi.

Ali Bongo Ondimba yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura nk’igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo itatu, akaba yakiriwe na mugenzi atwara Uburundi, Petero NKURUNZIZA. Inyuma y’umwanya muto bamaze baganira mu cicaro c’iteka (Salon VIP), umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaciye aja kwakira Ali Bongo Ondimba mu biro vy’umukuru w’igihugu i Bujumbura, aho vyari bitegekanijwe ko baganira mw’ibanga (Tête à tête).

Ali Bongo Ondimba, umukuru w'igihugu wa Gabon, ari mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi

Inyuma y’uwo mubonano, abo bakuru b’ibihugu bompi batanze ikiganiro c’umwanya muto, ku bamenyeshamakuru. Ali Bongo Ondimba yamenyesheje ko yagendeye Uburundi nk’uwurongoye ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati, akavuga ko mu bihugu yari amaze kugendera mu ntumbero z’amabanga yashinzwe, ko hari hasigaye Uburundi hamwe na Cameroun gusa. Muvyo avuga yaganiriye na Petero NKURUNZIZA, harimwo ibibazo vy’ubutunzi hamwe n’uguhanahana ibidandazwa hagati y’Uburundi na Gabon. Ku kibazo c’imigenderanire itari myiza hagati y’Uburundi n’Urwanda, Ali Bongo Ondimba yishuye ko bikwiye ko ico kibazo kiganirwako n’ibihugu vy’akarere, kugira amahoro aboneke.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeza ko muvyo yaganiriye na Ali Bongo Ondimba harimwo ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryimirije, hamwe n’indyane za poritike ziri mu Burundi. Kubw’umukuru w’igihugu w’Uburundi, ivyo ni ibibazo vy’abarundi mu bwigenge bwabo, akamenyesha ko igihugu cose gifise ibibazo vyaco. Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA akavuga ko abantu batoza baravuga ibibazo gusa, ahubwo ko boza barazana n’inyishu zavyo.

Ali Bongo Ondimba asanzwe ariwe mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati abaye umukuru w’igihugu wa kabiri agendeye Uburundi mu kirongo kidakwira ukwezi.

Umukuru w’igihugu yaheruka kugendera Uburundi ni Faustin-Archange Touadéra wa Centrafrique yashitse i Bujumbura avuye i Kigali mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, ariko akaba yagarukiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura.


Kumenyekanisha

1
KABIRA 16-04-2018 à 12:57

VYUKURI TURIFISE MUBURUNDI TULAMUHAYE KAZE ANDIMBA

2
Pasco 15-04-2018 à 07:15

Uburundi Ninyabagendwa.Nibareke Kuducafuza Batuvuga Nabi Mumakungu.Twikorere Ibikorwa Bidutezimbere.Uwurima Arime,umurovyi Arobe,...

3
Ngemdakumana Rénovat 14-04-2018 à 21:08

Karib Cane Ese iyab Yociy Ashkaj Kurab Vyabihug Vyanyuzw N’igikoron bakumva Ko Uburund Nabarund Dutekany.

4
Jojo 13-04-2018 à 23:32

Karibu cane nyakubahwa wumve bakumper indagara za Tanganyuka

5
niyungeko sositeni 13-04-2018 à 20:57

es ibyobizungu ahobyaherey.kok ntibiraruha twarabamenye imigambiyabo

6
Silas 12-04-2018 à 20:46

NAZE,YEMEZE,UBUBIRIGI, KWUBURUNDI,ARI,NYABAGENDWA UYO,NAWE,KOYACIYE,KWA,KAGAME NTIYARI,GUSHIKAMURUGO, KUKO,NAJEWE,IWANJE, UBANJE,KWAMUKEBA,WANJE, NTACICARO NOGUHA

7
KWIZERA EMMANUEL 12-04-2018 à 11:00

NATWE ABENE GIHUGU C’UBURUNDI TWAKIRANYE UMUBABARO WIRYO SANGANYA RY INDEGE TURAHOJEJE ALGERI.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha