IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Amajambo Double Jay yaririmbiye Miss Annie Bernice NIKUZE yoba yavuye ku (...)

Amajambo Double Jay yaririmbiye Miss Annie Bernice NIKUZE yoba yavuye ku mutima vy’ukuri?

samedi 30 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Niho rero hagera umunsi w’isabukuru ya Miss Annie Bernice Nikuze, abo muri Miss Burundi baramuteguriye ama "surprises" yanamutekeye kurira kubera umunezero.

Bamwe mubari mu birori vy’iyo sabukuru ntibari bazi ko muri Ikoh naho bafise ubutumwa bashikiriza Miss.

Double ahagatiwe na Michou Miracle yashitse hagati mu bari mu birori, neza na neza imbere ya Miss maze aterera mu gahogo ati : "Je mpa akanya nkubwire ikinteye amaganya, Baby ndagusavye umpe akanya nkubwire uko nkwiyumvira buri mwanya, Umutima wanje urafise vyinshi ushaka kuguha, nukuri ngeze ahatemba erega".

Double Jay aca yegera Miss Annie Bernice NIKUZE, maze amukura hasi barayambirana, amosozi aramurenga. N’uko ururirimbo ruca rutangura kuvuzwa ku mugaragaro kuva uwo munsi.

Muri Ikoh bavuga ko ururirimbo "Mpa akanya" rwari rwateguwe nk’agakemanyi ka Miss Annie, narirya basanzwe bakorana ibitari bike.

Aho muri Ikoh nyene ntibemeza canke ngo bahakane ko umuririmvyi Double Jay atoba afise ikindi cinyegeje inyuma, bisigura ko gashobora kuba kabaye akaryo keza kuri we ko gushikiriza akari ku mutima wiwe.

N’aho Double Jay atavyemeza, inyuma yo gusohora urwo ruririmbo rwiwe ku munsi mukuru wa Miss Burundi 2017, bivugwa ko vyari mu nteguro ikomeye y’uwo muririmvyi yo gushikiriza ikiri ku mutima wiwe. Abarundi barayamaze bati : "Ntakabura imvo".

Umviriza amajambo Double Jay yaririmbiye Miss Burundi 2017


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.