Accueil > Amakuru > u Burundi > "Amajambo ashikirizwa Abarundi yoza ashikirizwa mu kirundi"
"Amajambo ashikirizwa Abarundi yoza ashikirizwa mu kirundi"
jeudi 29 Ruheshi 2017, par
Uwo atwara Uburundi agira ati : "Twabonye ko ari vyiza guhera kino gihe, amajambo ashikirizwa abarundi yoza ashikirizwa mu kirundi."
- Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA
Mw’ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGA ryitaho iterambere ry’ururimi rw’ikirundi bamenyesha ko bakiriye neza ivyo vyasabwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuko amajambo menshi yahora ashikirizwa Abarundi mu gifaransa kandi atari bose bazi urwo rurimi, kenshi mbere ugasanga ntibumvise n’ubutumwa bashikirijwe.
Nicodeme HABIYAMBERE aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGA (Umutima ku Burundi n’Ikirundi Ndangakaranga) asaba abajejwe intwaro ko boshira mu ngiro ivyo vyasabwe n’umukuru w’igihugu, kuko hari n’ingingo za Reta bishika zigashirwa mu ngiro ku rugero rudashimishije, kuko ababa bazishikirijwe baba batazitahuye.
Nicodeme HABIYAMBERE agira ati : "Abajejwe intwaro nibamenyere gushikiriza Abarundi amajambo ari mu ririmi rw’ikirundi bose batahura. Niho n’imigambi ya Reta izokworoha kuja mu ngiro, kuko bazoyitahura bose."
- Nicodeme HABIYAMBERE aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UBUKI -NDANGAKARANGA
Mu gihe yari kuri uwu wa gatatu mu birori vy’ugutanguza ihwaniro ridasanzwe ry’uguhimbaza imyaka cumi Uburundi bumaze buri mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA niho yasaba ko amajambo ashikirizwa Abarundi akwiye kuvugwa mu rurimi rw’ikirundi. Ijambo yashikirije nawe nyene rikaba ryari mu rurimi rw’ikirundi. Muri iryo jambo yagize : "Nshimye gutanguza kino gikorwa mu rurimi rw’ikirundi kugira ngo Abarundi bamenye akamaro ko kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko."

Egide NDUWIMANA
Messages
29 Ruheshi 2017, 12:10, par MWENYEWE Charlotte
komera Mutama , natwe abarundi turi inyuma yawe!Imana n’ ibahangaze!
29 Ruheshi 2017, 12:12, par Charlotte MWENYEWE
KOMERA KW’IBANGA MUTAMA
30 Ruheshi 2017, 21:22, par Ntakiyiruta Berchmans
Rabe N’amategekn Agenga Uburundi N’abarundi Yandikwe Mu Kirundi.