Accueil > Amakuru > Amashuri > Amanota yafatiweko mu gice ca kabiri c’ishure shingiro yamenyekanye
Amanota yafatiweko mu gice ca kabiri c’ishure shingiro yamenyekanye
mardi 22 Myandagaro 2017, par
Abanyeshure bo mu mwaka w’icenda bashikanye amanota 85 ku 200 nibo bazokunguruzwa mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, mu gihe abanyeshure bo mu mwaka w’icumi bakoze ico kibazo abaronse 115 ku 345 aribo bazoja mu gice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro 2017, umushikiranganji w’indero Janvière NDIRAHISHA yamenyesheje ko ico kibazo cakozwe n’abanyeshure ibihumbi 131769. Abo mu mwaka w’icenda bakoze ico kibazo bagera ku 123.499 muribo abashika ibihumbi 82.3030 akaba aribo bamenye ku bice 66,6 kw’ijana.
- Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi
Abo mu mwaka w’icumi bakoze ico kibazo bagera ku 8.270, muribo abashika ku 5.520 nibo bashikanye amanota asabwa kugira baje mu gice gikurikira c’ishure shingiro. Abo bamenye ku bice 67 kw’ijana.
Abanyeshure bo mu mwaka w’icenda bazoja mu mashure y’uburaro babwirizwa kuba bafise amanota atari munsi y’127 ku 200, abo mu mwaka w’icumi nabo bagategerezwa kuba bafise amanota 180 ku 345.
Mwomenya ko umunyeshure yabaye uwa mbere muri co kibazo mu Burundi bwose ari NIYOKWIZERA Elizaphar wo kw’ishure rya Rubindi riri muri komine ya Nyanza lac mu ntara ya Makamba. Yaronse amanota 192,5 ku 200.
Vianney BIKORIMANA
Messages
23 Myandagaro 2017, 04:53, par BAYISHEMEZE Vianney
Ayo Manota Bafatiyeko Aradushimisha Turipfuza Ko Botubwirira Abazoja Muri Kamwinuza Kugirango Tubandanye Imyiteguro.
23 Myandagaro 2017, 12:50, par nephtalie
muri abavyeyi nyabo je ndabona ikibazo c’indero mugikurikirana cane.Amanota mwaciriyeko nimeza arashimishije kuko abeshi bamenye muri rusangi.Abanyeshure nobasaba kuzokwubahiriza rya tegeko muheruka gusohora kugira indero irushirizeho gutera ija imbere.Turabakunda murakoze .
23 Myandagaro 2017, 18:21, par Jean Nkengurukiyimana
23 Myandagaro 2017, 20:06, par Burundi
Iyaba mu Burundi hari abashikiranganji 5 nkuyu mupfasoni , igihugu kiba carogoroye.
Mukomere nyakubahwa naho atawutera icumu mw’icumi.