IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amagara y’abantu > Amata y’ifu yitwa Picot, Taranis, Milumel, Pepti Junior yabujijwe (...)

Amata y’ifu yitwa Picot, Taranis, Milumel, Pepti Junior yabujijwe gukoreshwa

Friday 12 January 2018, by Jean De Dieu

Nk’ukwo bivugwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, ayo mata arimwo imigera ya Salmonelles ituma uwuyanyoye ayogwa akana cibwamwo.

Kubw’ivyo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasavye abadandaza binjiza ibintu hamwe n’abasanzwe badandaza amata y’abana, ko boba maso, ubwoko bw’ayo mata yanduye ntazokwinjire ngo adandazwe mu Burundi.Barongera bagasaba ko amata yose yakozwe kuva kw’itariki 15 za Ruhuhuma ko yoba arahagaritswe.

Ku bavyeyi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba ko boba maso ngo ntibazohave bagwa mw’isanganya baguze ayo mata yanduye.Ubushikiranganji burongera bugasaba abajejwe amagara y’abantu mu gihugu cose ko bozitira bataronegwa, gutyo ayo mata ntihagire abayakoresha.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.