IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umugore n’umugabo bafatanywe abantu 13 bapfungiwe mu nzu (...)

Amerika : Umugore n’umugabo bafatanywe abantu 13 bapfungiwe mu nzu yabo

mardi 16 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, David Allen Turpin w’imyaka 57 na Louise Anna Turpin w’imyaka 49, bahagaritswe inyuma y’aho igipolisi gisangiye abantu 13 bapfungiwe mu nzu yabo.

Ayo makuru ya BBC amenyesha, ko muri abo bari mu nzu ya David Allen Turpin na Louise Anna Turpin harimwo ababoheye ku bitanda vyabo n’iminyororo.

Uko ari 13 bari baboheye muri iyo nzu iri ku birometero 95 mu bumanuko bw’igisagara ca Los Angeles,bafise imyaka iri hagati y’imyaka 2 na 29.

Bivugwa ko abategetsi babonye ivyo bintu ku munsi w’Imana igihe umwe muri abo bantu yashobora gutoroka aca ahamagara kuri terefone yo gutabaza, akoresheje terefone asanze muri iyo nzu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.