Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umukuru w’igihugu yishuye ku vyavuzwe na Jay-Z - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umukuru w’igihugu yishuye ku vyavuzwe na Jay-Z

Amerika : Umukuru w’igihugu yishuye ku vyavuzwe na Jay-Z

lundi 29 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko mu butumwa bwiwe kuri twitter, Donald Trump yavuze ko igitigiri c’abanyamerika batagira akazi bivugwa ko bubaye ubwa mbere kija hasi cane kubera politike yiwe.

Ayo makuru ya BBC, avuga ko abanyamerika bava ku mugabane wa Afrika ariko batagira akazi bashika ku bice 6,8 kw’ijana, kikaba ari igiharururo kiri hasi cane kitari bwigere kiboneka.

Naho biri ukwo, abadashigikiye umukuru w’igihugu Donald Trump bavuga ko ubutunzi bwatanguye kwiyongera ku butegetsi bwa Obama, kandi ko igitigiri c’abantu batagira akazi b’abirabure kibandanya kuba hejuru gusumba mu bazungu.

Mu kiganiro ca Van Jones Show c’ imboneshakure CNN, umuririmvyi Jay-Z yavuze ko utamenye ingene abantu batagira akazi kwoba ari ukutitaho uko ibintu vyifashe.
Jay-Z yavuze kandi ko ugutorwa kwa Donald Trump nk’umukuru w’igihugu kwavuye k’ukunanirwa gutorera inyishu ibibazo vyinshi.

Jay-Z yashigikiye Barack Obama igihe yari ku butegetsi, kandi yarashimagije Hillary Clinton mu matora yo mu mwaka wa2016, aho Donald Trump yatahukana intsinzi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.