IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umushikiranganji w’amagara y’abantu yatanze imihoho

Amerika : Umushikiranganji w’amagara y’abantu yatanze imihoho

samedi 30 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mushikiranganji yatanze imihoho inyuma y’aho yagirijwe ko yakoresheje nabi amafaranga ya Reta, mu ngendo zigera kuri 26 z’indege yakoze ari wenyene, zigatwara amadorare ya Amerika agera ku bihumbi 400.

Nk’uko yavyemereye abanyagihugu mu myiyamamazo ariko ahiganirwa kuyobora Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald TRUMP yavuze ko muri Reta yiwe, uretse abategetsi bakurikirana ivy’umutekano w’ico gihugu, ata wundi n’umwe yemerewe gufata indege ya wenyene agiye mu kazi. Abasigaye bose bagategekwa gufata indege za rusangi.

Abandi bayobozi batatu bo muri Reta ya Trump bariko bakorwako amatohoza nabo nyene bagirizwa kuba bafashe indege za bonyene kandi zizimvye mu gihe bari bagiye mu ngendo z’akazi.

Itangazo rya White House,ibiro vy’umukuru w’igihugu TRUMP, rivuga ko uwo mukuru w’igihugu yemeye itanga ry’imihoho rya Tom Price yahora ari umushikiranganji w’amagara y’abantu, akaba yaciye agena vy’imfatakibanza Don J Wright yahora ari icegera c’wu yatanze imihoho.

Tom Price yatanze imihoho mu gihe yari amaze iminsi 231 gusa aramutswa ubwo bushikiranganji.

JPEG - 133.2 ko
Tom Price yahora ari umushikiranganji wa Amerika ajejwe amagara y’abantu

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.