Home > Ubutunzi > Arsene Mugenzi : “Isoko y’imitahe izofasha abakeneye imitahe guhura (...)
Arsene Mugenzi : “Isoko y’imitahe izofasha abakeneye imitahe guhura imbonankubone n’ abanyamitahe.”
Monday 5 November 2018, by
Ivyo yabishikirije mu ruganda ibanki nkuru y’igihugu BRB yatunganije kubamenyehamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 5 Munyonyo 2018 mu ntumbero yo kubakahiriza ubwenge mu bijanye n’umugambi w’ishirwaho ry’isoko ry’imitahe.
Arsene MUGENZI avuga ko mu gihe hari isoko y’abanyamitahe abakeneye umutahe barerekana imigambi yabo gutyo bigafasha abanyamitahe kwemerera uyu canke uriya aba awushaka.
Kubijanye nuko ishirwaho ry’imitahe rizotuma amabanki y’ubudandaji azimangana ku rubuga,Arsene MUGENZI yavuze ko amabanke aguma afise uruhara ntangere kuko ariyo ahuza.
Arsene MUGENZI yavuze ati: “Iyo soko y’imitahe ntizotuma amabanki azimangana ahubwo izoza kwongereza ibidandazwa gutyo bigafasha amabanki kuronka vyinshi vyo gukora.”
Kubijanye n’amategeko agenga isoko y’imitahe,Arsene MUGENZI avuga ko iruhande y’itegeko rigenga uko hatorerwa umuti w’ibibazo bijanye n’iyo soko hariho itegeko ririgenga ubu riri mu nama nkenguzamateka rizofasha gukingira abanyamatahe.
Vianney BIKORIMANA