IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Australia: Abanyamerika bane baguye mw’isanganya ry’indege

Australia: Abanyamerika bane baguye mw’isanganya ry’indege

mardi 21 Ruhuhuma 2017

Abantu batanu nibo bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’indege ryabereye mu gisagara ca Melbourne , mu gihugu ca Australia mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Abategetsi b’igisagara ca Melbourne bamenyesha ko iyo ndege ntoya yarimwo abanyamerika 4 yaguye haheze umwanya muto ihagurutse.

Amakuru ava aho mu bajejwe intwaro mu gisagara ca Melbourne amenyesha kandi ko iyo ndege yagize isanganya kubera ingorane zijanye n’ubuhinga bw’ivyuma.

Amakuru ava muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeza ko abanyamerika bane bari muri iyo ndege bapfuye. Reta Zunze Ubumwe za Amerika ikaba yamaze gusohora itangazo ryo guhoza imiryango n’abagenzi babuze ababo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.