IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubudandaji > BRARUDI yatanguje ikinyobwa gishasha Viva Malt

BRARUDI yatanguje ikinyobwa gishasha Viva Malt

Friday 2 February 2018

Ari imbere y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura,bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira ubushikiranganji butandukanye, abayobozi bakuru bakuru mw’ihinguriro BRARUDI n’abari mu rwego nshingwantwaro rwa BRARUDI, umuyobozi nfatakibanza w’ihinguriro BRARUDI, yavuze ko ikinyobwa Viva Malt ari ikinyobwa gishasha kitari bwigere gihingurwa na BRARUDI.

Mu kwerekana ubwiza bw’ikinyobwa Viva Malt,umuyobozi nfatakibanza w’ihinguriro BRARUDI yasiguye ko ikinyobwa Viva Malt gikozwe mu bintu bitandukanye biva mu gihugu c’Uburundi, kitarimwo umwambiro, kandi kitarimwo isukari.

Umuyobozi nfatakibanza w’ihinguriro BRARUDI yavuze ko ikinyobwa Viva Malt ari
icemeza c’ubumenyi bw’abarundi,kuko cakorewe mu Burundi, gikorwa n’abarundi, kandi gikorerwa abarundi.

Ati: « Ikinyobwa Viva Malt ni ikimenyetso ntabanduka c’ubumenyi bw’abarundi. Ciyumviriwe kandi gihingurwa n’abarundi, gihingurwa n’abarundi, kandi gihingurwa kubw’abarundi.»

Kuko ikinyobwa Viva Malt gihinguwe mu bikoresho vyose biva mu Burundi, umuyobozi nfatakibanza wa BRARUDI yamenyesheje ko banezerejwe no kubandanya gushigikira biciye mu gukoresha ibikoresho biva mu Burundi, kuva mu mwaka wa 2014, bahingura ikindi kinyobwa citwa Nyongera.

Mw’ijambo ryiwe,Aimable NKUNZIMANA,umwunganirizi w’umushikiranganji w’ubudandaji , ari nawe yaserukiye umushikiranganji muri ivyo birori,yavuze ko ikinyobwa Viva Malt kije hageze ku ruhande rw’abarimyi,agakeza kandi abakozi ba BRARUDI kuri ico gikorwa gishasha bakoze .

Aimable NKUNZIMANA yemeye ko Reta izobandanya gushigikira ihinguriro BRARUDI, kuko risanzwe riterera ikintu kiboneka mu mafaranga yinjira mu kigega ca Reta no mu mibereho y’abarundi.

Ati: « Ubushikiranganji bwamye bushigikira ihinguriro BRARUDI. Reta nayo izobandanya gushigikira BRARUDI kuko yinjiza uburyo butari buke mu kigega ca Reta, igatanga kandi akazi ku bantu 15000 bakora igikorwa co gutera amasaka.»

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’ubudandaji ahamagarira abanyagihugu kwihereza ikinyobwa Viva Malt kuko giterera mu mafaranga yinjira mu kigega ca Reta.

Aimable NKUNZIMANA arangiza ashimira ishirahamwe BRARUDI kuba ryahisemwo gushigikira umunonotsi Francine NIYONSABA ribicishije mu kinyobwa Viva Malt.

Ikinyobwa Viva Malt kikaba kizogurishwa mu Burundi hose, ku mafaranga amajana umunani y’amarundi (800frbu) mw’icupa risubizwa rya santiritiro 33.

Ico kinyobwa nyene kikaba gishigikiye umunonotsi w’umurundi Francine NIYONSABA , yiruka imetero amajana umunani, isanamu y’umunonotsi Francine NIYONSABA ikaba iri kw’icupa ririmwo ikinyobwa Viva Malt.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.