IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bagdad : Abantu 48 bahitanwe na Bombe

Bagdad : Abantu 48 bahitanwe na Bombe

vendredi 17 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu baharurwa muri 48 nibo bapfuye i Baghdad bahitanywe n’ibombe igira gatatu mu minsi itatu yaturikiye ku mugwa mukuru wa Iraki, nk’uko abajejwe umutekano n’abo mu gisata c’ubuvuzi babimenyesheje.

Imodoka yuzuye ibisasu yaturitse hafi y’ahantu bagurishiriza imiduga ahitwa Bayaa mu karere k’aba Shia mu bumanuko bw’igisagara. Abantu barenga 50 nabo bakomeretse, nk’uko BBC ibivuga.

Abandi 18 barishwe mu kindi gitero ku munsi wa gatatu aho bagurishiriza imodoka zimaze gukora, abandi bane bakaba bari baraye bishwe.

Umurwi wa "Leta y’iki Islamu" wemanze igitero co ku munsi wa kane, nk’uko ikigo c’amakuru AFP kivuga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.