Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano baraburagiza abitaba imyiyamamazo (...)
’’Bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano baraburagiza abitaba imyiyamamazo yacu’’
mardi 8 mai 2018
Mw’ikete umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, yandikiye umukuru w’umurwi CENI kuw’Imana igenekerezo rya 6 Rusama 2018, amenyesha ko bamwe mu bajejwe intwaro n’abajejwe umutekano babuza abanyagihugu kwitaba imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.
Muri iryo kete, umushingamateka Agathon RWASA avuga kandi ko hari akarwi karongowe n’uwitwa Reveriyano NIYIMPA yahoze avugira Yakobo BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubutegetsi batunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mw’izina ry’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano ntibagira ico bakora kandi batazwi mu Runani.
Umushingamateka Agathon RWASA yibutsa ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi arongoye, arirwo rwonyene rwiyandikishije mu murwi CENI kugira rugire imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, ahamagarira umukuru w’umurwi CENI n’abajejwe intwaro gukurikiranira hafi abahungabanya imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko n’umutekano.
MUGISHA Van Naris
Messages
8 mai 2018, 13:40, par Nshemezimana Onesime
Jewe aho Mperereye nta mu porisi, Nta Musirikare, Nta Muntu Ari Mu Ntwaro arambuza kuja kwumviriza abiyamamaza. Kandi Barabazi Ko Ivyo Bigisha Twavyumvise Ni *oya*. Nibashake Bareke Kwiyamamaza .Twaraciye Ubwenge Tuzotora"ego".
8 mai 2018, 17:07, par NIYUNGEKO ALEX
VYOBA VYIZA ATAWUHOWE UBUSA BOSE NIBIYAMAMAZE KANDI BAREKE KWINJIRIRA UWUNDI KUKO AMATORA NIBISANZWE AHUBWO NUGUSHIRINGUVU NUBWENGE KUBIKOGWA HARUWURI HANZE UBU YICUZA ICAMUKUYE MUGIHUGU CIWE
9 mai 2018, 10:18, par OKAY
Nibagombe bacishe ubutumwa bwabo mubavugishwa, twe twahisemwo ko tuzotora OYA. Nibanyarutse bave kungoma ntaco bamariye igihugu. Kuvaho tubatoreye gushikubu turacari abanyuma mubutunzi kwisi yose. reta yamiza amaboko mukirere itakambira ayandi mareta. muratumaramaje nukuri
9 mai 2018, 11:21, par niyungeko sositeni
ah ntubesha twebwe turimumahang turicuza umubyey wacu nagiricakor adutahukan mugihug cac
9 mai 2018, 12:39, par Gateka
Ariko Rwasa arya ibiki ?
Niyicare atwarwe mubandi kuk bwaranyuranwe ubutegetsi,,
Haratevye kugera tuze kwemeza mutama
Mumuve kugikano yihemera
Abotuzotora #Ego oyeeeeee
9 mai 2018, 21:31, par THANCIEN
NZOTORA,AHARIBESHI
10 mai 2018, 07:05, par Pasco
Agatho Twaramusezereye.Narye Utwanyuma.Ariko Arye Abika,abikira Manda Yinyuma Ya 2020.Kuko Ntavyiyumviro Vyuguruts Atanga.
10 mai 2018, 14:52, par Muporoto
Mutama,urunani,tuzi Ruzotora oya Je,nabonye,imodoka, Iriko,igitambara,canditse,amizero Iva,igitega,isemerera Tora, Ego,vyarahindutse ?Turi,mwibice ?Mutama Dusobanurire
13 mai 2018, 20:35, par Chumvi
Nyakubahw Mutama Wacu Uwomugwi CENI Nudutunganirize Barekekutwivanga Kuk Baratwikuyeko Nibarek Kuduhubishiriza Abanywanyi. Nibaturek Twikombatire.