IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Becaud Njangwa: ’’Mkapa ashobora guhagarika guhuza abarundi’’

Becaud Njangwa: ’’Mkapa ashobora guhagarika guhuza abarundi’’

samedi 7 Nzero 2017

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukurikirana amatora n’amashirahamwe yishinze iterambere ONELOP-Burundi amenyesha ko umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin MKAPA ashobora gutanga imihoho.

Kubwa Gilbert-Becaud Njangwa arongoye ONELOP-Burundi, umuhuza Benjamin Mkapa ashobra gutanga imihoho kuko abanyepolitike bo mu Burundi batamworohereza mu gikorwa co guhuza abarundi.

Gilbert- Becaud Njangwa amenyesha ko abanyepolitike mu Burundi bashira imbere inyungu zab aho gushira imbere inyungu z’igihugu cose.

Umukuru w’ishirahamwe ONELOP-Burundi asaba abanyepolitike kwigumya amazi atararenga inkombe.


IGIHE

Messages

  • Mutama pfa Rugabo ubutegetsi muburundi butangwa nabene gihugu.Mukapa ntashobora gutanga imihoho avuga ivyazi.Niwihangane muze mutegure amatore ya 2020.Ahandi ho birabagoye

  • Yoba Yerekanye Ko Ataco Ashoboye Niyigire Hari Hageze Vyaramunaniye Kuvugisha Ukuri

  • Amazi agiye kubarengana inkombe nyene, umva hariho abanezerewe babonye uburundi bufatirwa ibihano,
    None Mkapa ivyoyaraye avuze vyafashwe nkama namakungu nubu yotanga imihoho abantubose bama biruka ngobagire kubwira amakungu amabwamabwa yabo nabo ntibazosubira kwumvirizwa bazobabwira ngo genda mwebwe nyene mwiyumvikanire muri mugihugu canyu nabarundi canke mwemere ivyo umuhuza yababwiye.
    Umva ukobigiye kugenda: harabagiye guhagarikirwa kwongera gufata indege ibakura ahobari ibajana mukindigihugu atari uburundi, bazobabemerewe kwurira indege ibajana Burundi gusa bazobe bemerewe kwurira indege ibajana mugihugu icaricocose aruko bafatiye indege muburundi.
    Numuntu yanciriye akogace kandi nibirebire kuko ngovyamenyekanye ko amahera yokwicisha bamwe mubarundi bari Burundi ngoyegeranwa nabamwe mubarundi bari mubihugu bimwe bimwe hanyuma bakarondera abobayaha kugira bashiremungiro ubwobubisha.

  • vyiza kwari uko yosubije hamw abarundi maze agahengwe kagaruka. arinze atanga imihoho,nibwira yuko abarundi bizoba bitugoye kuko tuzoba tugiye gufata uwundi mwanya muri turi mu ruhagarara n’ubwoba.ibintu bikimeze uko naho,buri murundi wese azoshishikara ahahombera.

  • Muco ivyo wavuze ni ukuri. Na bado, amahereazo yinzira ni munzu, SINDUMUJA, MUJERI amaherezo yabo ni Mu BURUNDI. CNARED yoyo igiye gufudika vuba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.