Bejp Sunrise: Amajwi n’isanamu y’ururirimbo vyasohokeye rimwe

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 1er Myandagaro 2017 saa 04:01
Yasomwe : 2106
1 0

Umuririmvyi Bejp ahejeje gusohora isanamu y’ururirimbo yise " wandutiye Bose", urwo ntiyarukoranye n’umurwi asanzwe aririmbamwo. Naho biruko hari ibikorwa vy’umuziki bitari bike amaze gukorana n’umurwi asanzwe aririmbamwo.

" Wandutiye Bose"ikozwe mu mudiho w’Afrika, n’ururirimbo rufise n’isanamu yasohotse uno munsi kw’igenekerezo rya 01 Myandagaro.

Bejp amenyeshako ari isanamu ya mbere yiwe isohotse kiretse iyindi yakoranye n’umurwi hamwe n’abandi baririmvyi yitwa "Burundi" iyo nayo ikaba yasohotse mu mwaka wa 2015.

Yaranakoze kandi ururirimbo yise "N’iki?" rwakunzwe cane rukanamufasha kumenyekana. Bejp arashima intambwe agezeko inyuma y’imyaka mike iheze atanguye kuririmba.

Uwo muririmvyi wo mu murwi Sunrise Music amenyesha kandi ko kuririmba abifata nk’akazi kuko bimutwara umwanya munini n’uburyo bw’amahera.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha