Big Fizzo asaba abarundi guha agateka abahinyanyuzi b’umuziki ndundi

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 29 janvier 2018 saa 05:44
8745
0 0

Mu gihe Big Fizzo yariko ashira ahabona amasanamu y’indirimbo « Konzi », yashikirije ko abarundi bakwiye guha agaciro abahinyanyura umuziki ndundi, akanegura abirukira hanze gukorerayo umuziki canke amasanamu.

Mu bunywero bwa Campero Club, Big Fizzo yaramutse ashira ahabona amasanamu y’ururirimbo « Konzi », abatari bake bakaba bari bamwitavye, uhereye ku baririmvyi, abahinyanyuzi b’umuziki, eka n’abakunzi b’indirimbo ziwe.

Igihe c’isaha zibiri n’iminota icumi n’itandatu z’ijoro, niho Big Fizzo yashikiriza ijambo ryo gushimira abitavye igikorwa yategekanije, aca agirako asaba abarundi gukunda no guha agateka abakora umuziki ndundi, kuko ku bwiwe, ataco abanyamahanga babasumvya.

Big Fizzo yagiriyeko atera akamo abikorera ivyabo gushira imitahe mu baririmvyi n’abahinga b’imicokamama, kuko ku bwiwe harimwo urudandazwa kandi rwunguka.

Big Fizzo yabandanije ahanura abagitangura umwuga w’umuziki kudacika intege, akavuga ko mu myaka 20 amaze aririmba, icamufashije ari ukwihangana, akagumana umwete mu bikorwa vyiwe.

Umuririmvyi Big Fizzo, bamwe bita Gikundiro bivanye n’ukuntu indirimbo ziwe zikunzwe cane mu Burundi ndetse no mu mahanga, akaba aherutse gutanguza inzu yo guhinyanyura umuziki no gukurikirana abaririmvyi yise « Bantu Bwoy », aho yaciye amenyesha ko umuririmvi Double Jay ari mu bagiye gukorana na Bantu Bwoy


Kumenyekanisha

1
Nishimwe Jembosco 5-10-2018 à 22:04

Nagomba Gusaba Ko Boheba Gutyoz Umurivyi Wacu Kuku Araduhumuriz Akonger Akadahanur Nsavye Ko Umuntu Wes Azi Ko Arumurundi Yokunda Umuziki Wacu Burund

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha