Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru > Bobona yasiguye igituma yasubiyemwo ururirimbo rw’abandi
Bobona yasiguye igituma yasubiyemwo ururirimbo rw’abandi
vendredi 20 Gitugutu 2017, par
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Bobona yabajijwe ku bijanye n’ururirimbo "Yasa n’irireng"a rw’igihangange Bahaga aherutse gusubiramwo. Ku kibazo c’igituma yasubiyemwo urwo rurimbo, Nikuze yishuye ati : "Icatumye nsubiramwo "Yasa n’Irirenga", n’uko nkunda umuziki w’Uburundi w’Abarundi n’uturirimbo twa kera, ni kandi akaririmbo nkunda cane kuva kera. Nsanzwe nipfuza cane gukorana indirimbo n’abaririmvyi ba kera nka Bahaga. Kugasubiramwo bituma niyumvamwo ko nagakoranye nawe. Vyose vyokunda ariko umwanya niwo ungora."
- Umuririmvyi NIKUZE Bonfils azwi kw’izina rya "Bobona"
Bobona asanzwe aba mu gihugu c’Ubutariyano avuga ko gusubiramwo ururirimbo rwakunzwe cane bituma nawe amenyekana cane mu gihe abakunzi biwe boruhanahana cane ku mbuga ngurukanabumenyi.
Bonfis yabandanije amenyesha ko agiye gukora amasanamu y’indirimbo ziwe zose zigize urukurikirane rwa kabiri. Urwo narwo rugizwe n’indirimbo icumi na zutandatu. Zimwe muri zo akaba ari :" Uwa nde, Choubila, Impeta, Inyishu, Isacramentu, Lilala n’izindi.
Umwiriza aha munsi uko yasubiyemwo ururirimbo "Yasa n’Irirenga"
Cherif NKESHIMANA