Bujumbura:Ibiciro vyo kwiyunguruza vyadugijwe

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 19 janvier 2018 saa 05:24
17175
0 0

Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, n’ingenzi, buri kumwe n’ubushikiranganji bwo gutwara ibintu n’ibintu, ibikorwa vya Reta, hamwe n’Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, bwamenyesheje ko ibiciro vyo kwiyunguruza vyadugijwe.

Kuva kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018, ibiciro vy’abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bivuye ku mahera 350 fbu bija kuri 380 fbu, nayo ku biyunguruza mu gihugu hagati, ibiciro vyaduze gushika ku bice 7% bivanye n’ikibanza.

Ku biyunguruza baja mu bice vy’impera y’igisagara ca Bujumbura nka Maramvya, Kiriri, Mirango Rond point, Kamesa na Buterere, ibiciro vyaduze ku bice 7%.

Ivyo bir’ukwo, mu gihe mu gatondo kur’uyu wa gatanu nyene hasohotse itangazo rivuga kw’ibiciro vy’igitoro co mu bwoko bwa Esansi caduze kiva ku mafaranga 2100 fbu kw’iritiro, ija kuri 225o y’amarundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha