Burkina Faso : Amashuri yugawe imisi ibiri kubera urugendo rwa Emmanuel Macron

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 28 Munyonyo 2017 saa 10:06
Yasomwe :
0 0

Reta ya Burkina Faso yafashe ingingo yo kwugara amashuri yose, aya Reta n’ay’abikorera utwabo yo ku mugwa mukuru Ouagadougou ku misi ya mbere n’uwa kabiri, mu gihe umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron ari mu rugendo muri ico gihugu. Iyo ngingo ikaba hari abo itashimishije.

Umushikiranganji w’indero amenyesha ko iyugagwa ry’ayo mashuri ryakozwe mu ntumbero yo kwakira no gucungera neza umutekano w’umukuru w’igihugu Emmanuel Macron ari murugendo rw’imisi itatu muri Burkina Faso.

Uwo mushikiranganji w’indero avuga ko uruja n’uruza rw’abanyeshuri rwotuma icungerwa ry’umutekano w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa ritagenda neza.

Iyo ngingo yaneguwe cane n’abavyeyi, abanyeshuri n’abarimu, bakagiriza Reta ko yahevye kazoza k’igihugu, igahitamwo kwitonesha ku banyamahanga.

Abarezi bamenyesha ko iyo ngingo izokwonona itunganywa z’ivyigwa mu mashuri, na rirya hari abari bamaze gutangura ibibazo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha