Burundi - Kenya : Urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma ni mu mwanya muto

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 14 Kigarama 2017 saa 01:40
Yasomwe : 7839
0 0

Ubutigu burageze hagati y’imirwi nserukirabihugu y’Uburundi na Kenya, aho kuri uwu wa kane ariho hamenyekana umurwi wa mbere uronse uburenganzira bw’ukuja mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya CECAFA 2017.

Urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma hagati y’Ubuurndi na Kenya rutangura igihe c’isaha umunani. Umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba, Alain Olivier Niyungeko yamaze gushira ahabona urutonde rw’abakinyi 11 b’Intamba mu Rugamba baza gutangura mu kibuga muri urwo rukino. Kuri urwo rutonde turabonako umusatirizi rurangiranwa yagize umwuga umupira w’amaguru, Fiston Abdulazak yaheruka mu gihugu ca Angola gutera umukono ku masezerano y’ugukinira umurwi mushasha wo muri ico gihugu wamuguze.

Abo bakinyi b’Uburundi batangura mu kibuga ni :

Umunyezamu

Nahimana Jonathan

Abakinyi b’inyuma

Harerimana Rashid Leon
Ndikumana Tresor
Nshimirimana David
Moussa Omar

Abakinyi bo hagati

Kwizera Pierrot (Kizigenza)
Duhayindavyi Gael

Abasatirizi

Abdourazzack Fiston
Nahimana Shassir
Laudit Mavugo
Hussein shaban Tshabalala

Abasubirizi

Rukundo Onesime
Arakaza Marc Arthur
Harerimana Moussa Hafidh
Urasenga Danny Cedric Kagabo
Ndoriyobija Eric
Shaka Bienvenue
Issufu Nyange
Nahimana Steeve


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha