Bururi : Igiporisi cahagaritse uwagirizwa ubusuma bw’amapikipiki

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 18 janvier 2018 saa 11:48
12270
0 0

Umugabo bivugwa ko yiba amapikipiki yahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 17 Nzero 2018,. Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko kugira ahagarikwe, igiporisi cakoranye n’umurwi wa bose ujejwe umutekano.

Uwo mugabo yahagarikiwe mu Kivuruga, mu ntara ya Bururi afise ipikipiki yo mu bwoko bwa TVS.

Uwo musuma afashwe mu rukurikirane rw’abasuma biba ivyuma bigendeshwa, bamaze iminsi bafatwa n’igiporisi c’Uburundi.

Kuwa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2018, igiporisi c’Uburundi carerekanye abantu batatu bahagaritswe bagirizwa ubusuma bw’imodoka, mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko ubusuma bw’imiduga ari igikorwa igiporisi cahagurukiye.


Kumenyekanisha

1
MBANZAMIHIGO Aloys 18-01-2018 à 12:47

Uyo mugabo yishe umugore wiwe ko yafashe nibacire urumukwiye murakoze.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha