Accueil > Amakuru > u Burundi > Butore:’’Ibikorwa vyakozwe ku rugero rushimishije mu gice ca kabiri c’umwaka (...)
Butore:’’Ibikorwa vyakozwe ku rugero rushimishije mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2016’’
mardi 14 Ntwarante 2017
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Dr Joseph BUTORE amenyesha ko ibikorwa vyinshi vyategerezwa gukorwa n’ubushikiranganji bujejwe ibijanye n’imibano n’ubutunzi vyakozwe ku rugero rushimishije kubera uburyo bwavuye mu gihugu hagati hamwe n’infashanyo zatanzwe n’abafasha Uburundi.
Mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2016 imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka,kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017, Dr Joseph BUTORE yavuze ko,ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwakoze mu kurwanya abagira urudandazwa rwa magendu.
Dr Joseph BUTORE yavuze ko mu bijanye n’indero naho nyene haranguwe ibitari bike, aho abigisha bigisha mu gice ca mbere c’ishure nshingiro hamwe n’abigisha mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro bahawe inyigisho zo kubakarihiriza ubwenge.
Mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi Joseph BUTORE yamenyesheje abashingamateka n’abakenguzamateka ko,ibitungwa birenga 4000 vyatanzwe mu ntara zitandukanye,hamwe n’itoni zirenga 12 z’ikawa zimbuwe.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko igisata c’amagara y’abantu naco kitasigaye inyuma, kuko ibigo 4 kuri 6 bikora ubushakashatsi vyatanguye gukora kandi vyahawe ibikoresho mu ntara zine s’igihugu.
Mwomenya ko ubushikiranganji 12 buraba ibijanye n’ubutunzi n’imibano aribwo bwegukira ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.
IGIHE
Messages
14 Ntwarante 2017, 14:24, par Niyonkuru
Mu bisanzwe iyo bilan si iyo kwishimira uravye aho tugeze. Ngatangazwa n ukuntu ururirimbo ari uko ibintu bigenda neza kandi tutabonanye changement Mu banyagihugu.