IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Poritike > CENI:Abadakwije imyaka yo gutora mu mwaka wa 2018 bazovangurwa mu (...)

CENI:Abadakwije imyaka yo gutora mu mwaka wa 2018 bazovangurwa mu bandi

Tuesday 20 February 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2017,Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI yamenyesheje ko abanditswe badafise uburenganzira bwo kwitaba amatora yo mu mwaka wa 2018 ariko bazotora mu mwaka wa 2020 hariho urutonde rutegekanijwe kugira bazovangurwe hamwe n’abazotora mur’uyu mwaka wa 2018.

Abafise imyaka 16 nibo banditswe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI, kuko hazoshika mu mwaka wa 2020 bakwije imyaka isabwa kugira bitabe amatora.

Naho biri ukwo,aba nta burenganzira bafise bwo kwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu.


BIKORIMANA Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.