IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Imirwi ine izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma (...)

CHAN2018 : Imirwi ine izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma yamenyekanye

lundi 29 janvier 2018

Mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, imirwi ine izokina ni, umurwi nserukira gihugu wa Maroc yakiriye ihiganwa,umurwi wa Sudani, nserukiragihugu wa Libiya, hamwe n’uwa Nijeriya.

Kugira iyo mirwi ironke uburenganzira,kuwa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2018, umurwi wa Maroc watsinze Namibiya ibitsindo 2-0 ,mu rundi rukino, Sudani yakuyemwo umurwi wa Zambiya ku gitsindo 1-0.

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018, inkino zarabandanije, umurwi wa Kongo watsinzwe na Libiya kuri Penalty,kuko iminota itegekanijwe yaheze imirwi yose inganya igitsindo 1-1, bageze kuri za Penaliti amahirwe atahukana Libiya aho yinjije Penaliti 5 zose nayo Kongo yinjiza 3, gutyo iba irasezeye ihiganwa.

JPEG - 43.5 ko
Abakinyi b’umurwi wa Maroc bahejeje gutsinda igitsindo

Mu rundi rukino, ku kibuga ca Marrakech, Nijeriya yatsinze Zambiya igitsindo 1-0 .

Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zizokinwa kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018, Sudani ikazohura na Nijeriya, Maroc nayo ihure na Libiya.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.